Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Timoteyo 5:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Witeho abapfakazi batagira uwubaraba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Wubahe abapfakazi b’inyakamwe vy’ukuri.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Timoteyo 5:3
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ataba agikwiye kubibafashisha. Uko ni ko muhindura ijambo ry’Imana ubusa kubera imigenzo yanyu.


Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mwugaye umuryango w’Ubwami bw’ijuru, ntimwinjira mwebwe ubwanyu, kandi n’abagomba kwinjira ntimwabakundira. [


akaba yari amaze imyaka mirongo umunani n’ine ari umupfakazi. Yama mu rusengero ijoro n’umurango, akorera Imana, asenga kandi yisonzesha.


Ageze hafi y’irembo ry’igisagara, haza abantu bagiye guhamba umuntu. Yari umuhungu w’ikinege kandi nyina yari umupfakazi. Hariho kandi n’isinzi ry’abantu bo muri ico gisagara bari bamuherekeje.


Yesu abonye Natanayeli aje amutumbereye, amuvugako ati: “Ng’uwu Umwisirayeli w’ukuri atagira ubugunge.”


Muri iyo misi, igitigiri c’abigishwa caguma ciyongera. Abayuda bavuga Ikigiriki bari muri bo bidogera Abayuda b’imvukira ko birengagiza abapfakazi babo iyo batanga imfungurwa zo ku musi ku musi.


Nuko Petero arahaguruka asubirana unyuma na bo. Bashitse baca bamutwara muri cuba co hejuru. Abapfakazi bose baraza bakikuza Petero bararira, bamwereka amakanzu n’izindi mpuzu Dorukasi yari yarabakoreye akiri kumwe na bo.


Petero aca amufata ukuboko aramuhagurutsa. Hanyuma ahamagara abizera, na canecane abapfakazi, amubashikiriza ari muzima.


Ntitwigeze na rimwe turondera guhabwa icubahiro n’abantu, baba mwebwe, canke uwundi muntu uwo ari we wese, naho nk’intumwa za Kristo twari twemerewe kugira ivyo tubasavye dukoresheje ububasha dufise.


abatamakazi ubafate nk’abavyeyi bawe, abagore bakiri bato ubafate nka bashiki bawe, kandi ubikore mu kwera kwose.


Idini ryemewe kandi ritunganye imbere y’Imana Data wa twese ni ukwitaho impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo no kwirinda kwanduzwa n’isi.


Mwubahe umuntu wese, mukunde bene Data, mutinye Imana, mwubahe umwami.


Muri iyo ntumbero nyene, bagabo, mufate neza abagore banyu mu kubana na bo. Mububahe nk’abazoraganwa namwe ingabire y’ubugingo yatanzwe ku buntu, naho batanganya inkomezi namwe. Mubitwararike kugira ngo ntihagire ikizibira amasengesho yanyu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ