Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Timoteyo 5:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 kandi akaba ashingirwa intahe ku bw’ibikorwa vyiwe vyiza nko kurera neza abana, kwakira abandi i muhira, kwoza ibirenge vy’abera, gufasha abari mu ngorane, ndetse akaba yariyeguriye gukora ibikorwa vyiza vy’ubwoko bwose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 handikwe ūshimirwa ibikorwa vyiza, namba yararera abana, namba yaratanga indāro, yarōza ibirenge vy’abera, yarafasha abababaye, yarashishikara gukurikira ibikorwa vyiza vyose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Timoteyo 5:10
42 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

N’uwahawe zibiri aragenda abigira gutyo nyene, yunguka izindi zibiri.


Uko ni ko mukwiye kureka umuco wanyu ukakira imbere y’abantu kugira ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, hanyuma bahimbaze So wo mw’ijuru.


apfukama i ruhande y’ibirenge vya Yesu arira, ajojotereza amosozi yiwe ku birenge vya Yesu, abihanaguza umushatsi wiwe, arabisomagura yongera abisiga ya mavuta.


Aca ahindukira araba wa mugore, hanyuma abwira Simoni ati: “Wabonye uwu mugore? Aho ninjira mu nzu yawe ntiwampaye amazi yo kwoza ibirenge, ariko we yatotesheje ibirenge vyanje n’amosozi yiwe, abihanaguza imishatsi yiwe.


Ba bantu barishura bati: “Turungitswe na Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana. Ni umugororotsi yubaha Imana, ashingirwa intahe n’ubwoko bw’Abayuda bwose. Umumarayika yamubwiye ngo agutumeko iwe kugira ngo yumve ivyo uri bumubwire.”


Muri ico gisagara hariho umuntu yitwa Ananiya. Yari umuntu yubaha Imana, akitondera ivyagezwe, kandi Abayuda bose baho bamushingira intahe nziza.


Bene Data, nimutoranye abantu indwi muri mwebwe, mushingira intahe ko buzuye Mpwemu Yera n’ubwenge, tubazeze ico gikorwa,


Kandi i Yopa hari imwigishwa yitwa Tabita (mu Kigiriki ryasobanura Dorukasi, ni ukuvuga Ingeregere), yama akora ibikorwa vyiza, afasha abakene.


Nuko Petero arahaguruka asubirana unyuma na bo. Bashitse baca bamutwara muri cuba co hejuru. Abapfakazi bose baraza bakikuza Petero bararira, bamwereka amakanzu n’izindi mpuzu Dorukasi yari yarabakoreye akiri kumwe na bo.


Mufashe bene Data mu vyo bakenye kandi mwakirane hagati yanyu.


Kuko turi ibiremwa vy’Imana, yaturemye gusha muri Kristo Yesu kugira ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo yari yaraduteguriye gukora kuva kera.


kugira ngo mubeho nk’uko bibereye ab’Umwami Yesu, mwongere mumunezereze muri vyose: mwama ivyamwa mu gikorwa ciza cose kandi mukura mu vyo kumenya Imana.


ariko bashazishe ibikorwa vyiza, bibereye abagore bavuga ko bubaha Imana.


Umurongozi akwiye kuba inyankamugayo, umugabo afise umugore umwe, atekereje, aganza ingeso ziwe, yubahwa, yakira abantu, kandi ashoboye kwigisha,


Ategerezwa kandi kuba avugwa neza n’abo hanze, kugira ngo ntagwe mu mugayo no mu mutego wa Satani.


Nimba hari umugore atunze abapfakazi mu nzu iwe, nabe ari we abafasha kugira ngo ntibaremere ishengero, kugira ngo rifashe abatagira ic’epfo ca ruguru bonyene.


No ku bikorwa vyiza na vyo ni uko nyene; ibikorwa vyiza vya bamwebamwe biragaragara, ariko n’ibikorerwa mw’ibanga umusi umwe bizoja ahabona.


Ubigishe gukoresha amahera yabo mu gukora ivyiza: bakwiye kuba abatunzi mu bikorwa vyiza, no mu gufasha abakene no mu kugira imitima yiteguriye gusangira ivyabo n’abandi.


Nama nibuka ukwizera kwawe kwabanje kuba muri nyokuru wawe Lowisi no muri nyoko Ewunike, kandi ndizera ntakekeranya ko kuri no muri wewe.


Umuntu niyiyeza, azoba igikoresho c’icubahiro, cejejwe, kigirira akamaro nyene co, kandi giteguruwe gukora igikora ciza cose.


Wamenye Ivyanditswe Vyera kuva ukiri umwana, na vyo biguha kugira ubwenge bwo kwakira agakiza kabonerwa mu kwizera Kristo Yesu.


kugira ngo umuntu w’Imana atunganywe rwose, agire ibikwiye ku bw’igikorwa ciza cose.


Ni we yatwitangiye, araducungura kugira ngo tuve mu bubi bwacu bwose, atugira ubwoko bwejejwe yiharije, bufise ishaka ryo gukora ivyiza.


Muri vyose ubabere akarorero mu gukora ivyiza. Ivyo wigisha vyose bibonekemwo ubwizigwa no kudafata ibintu minenegwe.


Wame wibutsa abantu kwubaha abatware n’abategetsi, kugamburuka no gukora ivyiza.


Abantu bacu bakwiye kwiga kwitangira ibikorwa vyiza, kugira ngo bashobore gufasha mu bikenewe, ubuzima bwabo ntibube ubutagira ikimazi.


Iri jambo ni iryo kwizigirwa, kandi ndashaka ko ushimikira kuri izi nyigisho kugira ngo abizigiye Imana bose babone kwiyegurira gukora ivyiza. Izo nyigisho ni nziza, zigirira akamaro uwuzumva wese.


Kandi turondere ingene twoterana intege zo gukundana no gukora ibikorwa vyiza.


Ntimwibagire kwakirana urukundo ingenzi, kuko bamwe mu babikoze bakiriye abamarayika batabizi.


abe ari yo ibaha ivyiza mukeneye vyose kugira ngo mukore ivyo ishaka. Ishitse muri twebwe, biciye mu bushobozi bwa Yesu Kristo, ibiyihimbara vyose. Icubahiro cose kibe icayo ibihe vyose. Amen.


Mugire inyifato nziza mu bo mubana batizera, kugira ngo n’aho babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, baze babone ingeso zanyu nziza, bitume bahimbaza Imana umusi izotugendera.


Demetiriyo avugwa neza na bose, nk’uko ukuri na kwo kumushingira intahe. Natwe tumuvuga neza kandi urazi ko intahe yacu ari iy’ukuri.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ