5 kuko turazi ko vyezwa n’ijambo ry’Imana n’amasengesho.
5 kuko kiba gihezagiwe n’ijambo ry’Imana no gusenga.
Nuko rero nimuhe aboro ku vyo mufise, maze ibindi vyose kuri mwebwe bizoba bihumanuwe.
Yesu aramwishura ati: “Handitswe ngo: ‘Umuntu ntabeshwaho n’indya gusa.’”
Kuko umugabo atizera yezwa biciye ku mugore wiwe, kandi n’umugore atizera yezwa biciye ku mugabo wiwe. Ahandi ho abana banyu bobaye abahumanye, ariko noneho barejejwe.
Babuza abantu kurongora, bakabategeka kutarya imfungurwa zimwezimwe, izo Imana yaremye kugira ngo abizeye bakamenya ukuri bazifungure bashima.
Nta kintu gihumanye ku bafise imitima idahumanye. Ariko ku bahumanye kandi batizera, nta kidahumanye, kuko ubwenge bwabo n’ivyiyumviro vyabo vyarononekaye.
Mu kwizera turatahura ko isi yose yaremwe n’Ijambo ry’Imana; ko ivyo tubona vyavuye mu bitaboneka.