Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Timoteyo 4:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Kubera rero ivyo Imana yaremye vyose ari vyiza ntagikwiye gutabwa, ahubo dukwiye kuvyakira dushima,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Ico Imana yaremye cose ni ciza, ntiharimw’ ico gutabga, iyo cakiriwe n’ūshima:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Timoteyo 4:4
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Rya jwi ryongera kumubwira ubwa kabiri riti: “Ico Imana yahumanuye ntukacite igihumanye.”


Muze mwirinde kurya ivyaterekerewe ibigirwamana, amaraso canke inyama z’ibikoko binizwe, kandi mwirinde ingeso mbi z’ubusambanyi. Nimwavyirinda muzoba mugize neza. Turabasezeye.


Naho ku vyerekeye abanyamahanga bizera, nibakurikize ingingo twarabandikiye mw’ikete: birinde kurya ivyaterekerewe ibigirwamana, amaraso canke inyama z’ibikoko binizwe, n’ingeso mbi z’ubusambanyi.”


Ndazi neza ntakekeranya, nemejwe n’Umwami Yesu, ko ata kintu na kimwe gihumanye ubwaco. Ariko nimba hariho umuntu yiyumvira ko ikintu kanaka gihumanye, ico kintu gicika igihumanye kuri we.


Ntugasambure igikorwa c’Imana kubera ivyokurya. Mu vy’ukuri, nta co kurya na kimwe gihumanye, ariko ni bibi kurya indya zituma mwene Data wundi agwa mu caha.


Uwubahiriza umusi kanaka abikora ahesha icubahiro Imana. Uwurya indya zose abikora ahesha icubahiro Imana, kuko abikora ayishimira. N’uwirinda kurya bimwebimwe na we nyene abikora ahesha icubahiro Imana kandi abiyishimira.


Muvuga muti: “Vyose turavyemerewe,” yamara si vyose bigira ikimazi. Muvuga muti: “Vyose turavyemerewe,” yamara si vyose vyubaka.


Muze murye inyama izo ari zo zose zashowe mu kaguriro, ata co murinze kuzibazako,


kuko “isi ari iy’Umwami Imana, n’ibiri muri yo vyose.”


Iyo ndabiriyeko nshimira Imana, kubera iki abantu bancira imanza kuri ivyo vyokurya nashimiye Imana?


Babuza abantu kurongora, bakabategeka kutarya imfungurwa zimwezimwe, izo Imana yaremye kugira ngo abizeye bakamenya ukuri bazifungure bashima.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ