Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Timoteyo 4:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Ntihagire uwukugaya kubera ukiri muto, ahubwo ubere akarorero abizera: mu mvugo no mu ngiro, mu rukundo, mu kwizera, no mu kugororoka.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ntihakagire ūkugayira ubusore, arik’ ubere abizera icitegererezo mu vy’uvuga, no mu ngeso zawe, no mu rukundo, no mu kwizera, no ku mutima utanduye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Timoteyo 4:12
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mwirinde ntimugakengere umuntu n’umwe muri aba bato, kuko ndababwira yuko abamarayika babo bama bahanze amaso Data wo mw’ijuru. [


Ibisigaye bene Data, mushire ivyiyumviro vyanyu ku vy’ukuri vyose, ivy’ukwubahwa vyose, ivy’ukugororoka vyose, ibitunganye vyose, ivy’igikundiro vyose, ibishimwa vyose. Ivyo abe ari vyo mwiyumvira.


Mwaratwiganye mwongera mwigana Umwami, kuko mwakiriye Ubutumwa n’umunezero uva kuri Mpwemu Yera, naho mwari mu mibabaro myinshi.


Namwe muri ivyabona hamwe n’Imana, vy’ingene twigenza hagati yanyu, twejejwe, tugororotse kandi turi inyankamugayo rwose.


Ubuntu bw’Umwami wacu bwansutsweko bugwiriye, nuzura ukwizera n’urukundo biri muri Kristo Yesu.


Ukore ibishoboka vyose kugira ngo wame ugaragara nk’uwemewe imbere y’Imana, nk’umukozi anezerererwa igikorwa ciwe, kandi asigura neza ijambo ry’ukuri.


Uhunge ivyipfuzo bibi vy’ubusore, urondere ukugororoka, ukwizera, urukundo n’amahoro, wifatanije n’abambaza Umwami Imana n’imitima itanduye.


Ufate akanya wiyumvire ku vyo ndiko ndakubarira, Umwami Imana azoguha gutahura muri vyose.


Ivyo ni vyo ukwiye kwigisha abizera. Ubahimiririze kubikora kandi ukosore abatabikora, kandi ubigire mu mubasha wahawe bwose. Ntukemerere umuntu n’umwe kugusuzugura.


Muri vyose ubabere akarorero mu gukora ivyiza. Ivyo wigisha vyose bibonekemwo ubwizigwa no kudafata ibintu minenegwe.


Muri mwebwe ni nde ari umunyabwenge kandi atahura? Navyerekane mu ngeso nziza ziwe, no mu bikorwa vyiwe birangwa no guca bugufi kuva ku bwenge bw’ukuri.


Ariko ubwenge buva mw’ijuru ubwa mbere na mbere buratunganye rwose; bukunda amahoro, ntibwishira imbere, buciye bugufi, bwuzuye imbabazi, bwama ivyamwa vyiza, ntibugira nkunzi, ntibugira uburyarya.


Ntimutwaze umukazo abo bantu mwahawe kurongora, ariko mubere akarorero ubwo busho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ