Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Timoteyo 3:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Ategerezwa kandi kuba avugwa neza n’abo hanze, kugira ngo ntagwe mu mugayo no mu mutego wa Satani.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Kand’ akwiye gushingirwa intahe neza n’abo hanze, kugira ngo ntatembere mu mugayo no mu mutego wa wa Murwanizi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Timoteyo 3:7
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arabishura ati: “Mwebwe mwahawe kumenya amabanga y’ivy’Ubwami bw’Imana. Ariko ku batabihawe, nkoresha imigani


Ba bantu barishura bati: “Turungitswe na Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana. Ni umugororotsi yubaha Imana, ashingirwa intahe n’ubwoko bw’Abayuda bwose. Umumarayika yamubwiye ngo agutumeko iwe kugira ngo yumve ivyo uri bumubwire.”


Muri ico gisagara hariho umuntu yitwa Ananiya. Yari umuntu yubaha Imana, akitondera ivyagezwe, kandi Abayuda bose baho bamushingira intahe nziza.


Bene Data, nimutoranye abantu indwi muri mwebwe, mushingira intahe ko buzuye Mpwemu Yera n’ubwenge, tubazeze ico gikorwa,


Ntihakagire uwo mutsitaza, yaba Umuyuda canke Umugiriki, canke abo mw’ishengero ry’Imana.


Si igikorwa canje gucira urubanza abatari mw’ishengero, ariko ni igikorwa canyu gucira urubanza ababandanya bakora ivyaha bari mw’ishengero.


Twirinda kugira uwo tubera igitsitaza kugira ngo igikorwa cacu ntikigawe.


Kuko twipfuza kubikora neza mu bwizigirwa, atari imbere y’Imana, ariko no mu maso y’abantu.


Mugire ubwenge ku kuntu mubana n’abo hanze; kandi mukoreshe neza akaryo kose muhawe.


Kubaho kwanyu gutyo mu buzima bwa misi yose, bizotuma abo hanze batizera babubaha, kandi mwidegemvye imbere y’umuntu wese.


Ategerezwa kuba atakiri umwana mu kwizera, ahandi ho yohava agwa mu caha c’ukwishira hejuru, akazocirirwa urubanza rumwe na Satani.


Nohanura rero abapfakazi bakiri bato ko bosubira kurongorwa, bakavyara abana, bagatunganya ingo zabo. Ni ho umwansi atazoronka ico abavugako.


Abagomba gutunga barageragezwa hanyuma bakagwa mu mitego y’ivyipfuzo vy’ubupfu, bitwara abantu mu guhomba no mu guhona.


maze bakabona kwisubirako, bakava mu mutego wa Satani, kuko baba bagizwe imbohe zo gukora ivyo ashaka vyose.


kuganza ingeso zabo kandi babe abatanduye, biteho ivy’ingo zabo, bagire ubugwaneza, bubahe abagabo babo, kugira ngo ntibatukishe ijambo ry’Imana.


Amajambo yawe abe ay’ukuri, atagiramwo umugayo, kugira ngo abakugwanya baze bamaramare, babure ikibi batuvugako.


Demetiriyo avugwa neza na bose, nk’uko ukuri na kwo kumushingira intahe. Natwe tumuvuga neza kandi urazi ko intahe yacu ari iy’ukuri.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ