Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Timoteyo 3:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ategerezwa kuba atakiri umwana mu kwizera, ahandi ho yohava agwa mu caha c’ukwishira hejuru, akazocirirwa urubanza rumwe na Satani.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Kandi ntakwiye kuba muto mu kwizera, kugira ngo ntiyikakishe, ngw atembe, agacirwakw iteka wa Murwanizi yaciriweko.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Timoteyo 3:6
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arababwira ati: “Nabonye Satani akoroka nk’umuravyo ava mw’ijuru.


Bene Data, igihe nari kumwe namwe sinabigishije nk’uko nokwigisha abantu bakuze mu Mpwemu, nabigishije nk’abantu basanzwe bo mw’isi, nk’abana bato mu vy’ukwizera Kristo.


Ku bijanye n’ivyashikaniwe ibigirwamana, ndazi ko twese dufise ico tubiziko. Ariko ubumenyi butuma umuntu yishira hejuru; urukundo ni rwo rwubaka.


Kugira ngo sinishire hejuru ku bw’ivyo neretswe vy’akaburarugero, nashizwemwo ingwara ibabaza kandi idakira mu mubiri, intumwa ya Satani yo kunsubiza hasi kugira ngo noye kwishira hejuru.


Ategerezwa kandi kuba avugwa neza n’abo hanze, kugira ngo ntagwe mu mugayo no mu mutego wa Satani.


baba buzuye ubwibone n’ukwishira hejuru n’ukubura ugutahura. Bafise impwemu yo kuvuga no guharira ku majambo. Ivyo nta kindi bizana atari ishari, ibihari, ibitutsi, ukwikekana,


Bazoba abahemu, batazi kugenza buhoro, buzuye ukwishira hejuru, bakunda ibibanezereza bakabirutisha Imana.


Mumere nk’abana bato b’inzoya, mwipfuze kandi murondere kunywa amata y’impwemu atavanze, kugira ngo abakuze mu gakiza,


Rwaruka, namwe mwubahe uburongozi bw’ishengero. Kandi umwe wese muri mwebwe yicishe bugufi imbere ya mugenziwe kuko, “Imana igwanya abibona ariko igirira ubuntu abicisha bugufi.”


Kuko nimba Imana itihanganiye abamarayika igihe bacumura, ariko ikabaterera muri Gehinomu, mu minyororo y’umwijima gushika ku musi w’imanza.


Kandi n’abamarayika batagumye mu bibanza Imana yabashizemwo, ariko bagahitamwo kubivamwo, Imana yabugaraniye ahantu h’umwijima, baboshwe n’iminyororo y’ibihe bidashira, barindiriye wa musi uhambaye w’imanza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ