Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Timoteyo 2:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Ni co gituma natowe nk’umuvuzi w’ubwo Butumwa nkongera nkaba intumwa, kugira ngo nigishe Abanyamahanga ivy’ukwizera n’ivy’ukuri. Mvuze ukuri sindengeje urugero.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 ni co nashiriweho kuba umusiguzi n’intumwa (mvuze ukuri, simbeshe) n’umwigisha wo kwigisha abanyamahanga ukwizera n’ivy’ ukuri.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Timoteyo 2:7
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abayuda baravugana bati: “Mbega uwu mugabo afise umugambi wo kuja he, aho tudashobora kumubona? Yoba ashaka kuja mu Bayuda baba mu Bagiriki? Yoba ashaka kuja kwigisha Abagiriki?


Bashitse muri Antiyokiya, bakoranya ishengero baryiganira ivyo Imana yabakoresheje vyose, n’ukuntu yugururiye imiryango Abanyamahanga na bo bakizera.


Aca arambwira ati: ‘Genda, nzogutuma kure, mu Banyamahanga.’ ”


Nahereye ku b’i Damasiko, hanyuma nja mu b’i Yerusalemu n’i Yudaya hose, ntibagiye no mu Banyamahanga, nigisha ko bakwiye kwihana bakagaruka ku Mana, kandi bagakora ibikorwa bikwiranye n’ukwihana kwabo.


Ariko Umwami Yesu yishura Ananiya ati: “Genda, kuko uwo Sawuli ari igikoresho natoranije kugira ngo amenyekanishe izina ryanje mu Banyamahanga n’abami babo, ndetse no mu bwoko bwa Isirayeli.


Imana nkorera n’umutima wanje wose mu kuvuga Ubutumwa Bwiza bw’Umwana wayo, ni yo cabona ko ntahengeshanya kubibuka


None abantu bokwambaza bate uwo batarizera? Kandi bomwizera bate batarumva ivyiwe? Canke bokwumva ivyiwe bate ata wubibabwiye?


Ni mwebwe Banyamahanga ndiko ndabwira kuko Imana yampamagariye kuba intumwa mu Banyamahanga. Ico gikorwa ndakinezererewe,


bwo kuba intumwa ya Kristo Yesu mu Banyamahanga. Ndababwira Ubutumwa Bwiza kugira ngo ndabashikanire Imana nk’ikimazi cemerwa na yo, cejejwe na Mpwemu Yera.


Mvuga ukuri nk’uwa Kristo simbesha; ijwi ryo mu mutima wanje na Mpwemu Yera biranshingira intahe:


Mbega sindi uwidegemvya? Mbega sindi intumwa? Mbega siniboneye Yesu Umwami wacu amaso mu yandi? Mbega ntimuri ivyamwa vy’ibikorwa nakoreye Umwami?


Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, we akwiye gushimwa ibihe vyose, arazi ko mvuga ukuri.


kumpishurira Umwana wayo kugira ngo nanje ndamumenyekanishe mu Banyamahanga; kandi ivyo bibaye, sinagishije inama umuntu n’umwe,


Ndi imbere y’Imana sinshobora kubesha, ivyo ndabandikiye ni ukuri.


Ariko ico tuzi ni uko umuntu atemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera ibikorwa vy’ivyagezwe, ahubwo abihabwa no kwizera Kristo Yesu. Natwe nyene twizeye Kristo gutyo turonka kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi kubera kumwizera, atari kubera gukurikiza ivyagezwe, kuko ata muntu n’umwe azokwemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera gukurikiza ivyagezwe.


Yakobo, Kefa na Yohana, abari bazwi nk’inkingi z’ishengero, bamaze kubona ubuntu bw’Imana buri kuri jewe, baciye baduha ukuboko twe na Baranaba nk’ikimenyetso c’uko dufatanije ibikorwa. Baremeye ko twebwe dukwiye kuja mu Banyamahanga, na bo bakaja mu bakebwe.


Nuko rero abizera Imana bose nk’uko Aburahamu yayizeye bahezagirwa co kimwe na we.


Kandi Imana yantoranirije kuba umuvuzi w’ubwo Butumwa Bwiza, nk’intumwa n’umwigisha.


Kandi nimba itihanganiye isi ya kera igihe yarekurira umwuzure ku bantu b’ico gihe batubaha Imana, ariko igakiza Nowa, umwigisha w’ivyo kugororoka, n’abandi ndwi gusa;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ