Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Timoteyo 2:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Usengere abami n’abatware kugira ngo tubeho mu mahoro, dutekaniwe, mu kwubaha Imana kwose, no mu kutagira umugayo muri vyose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 kandi cane‐cane abami n’abashizwe hejuru bose, kugira ngo twame mu mahoro dutekereje, twubaha Imana tur’ inyankamugayo rwose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Timoteyo 2:2
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Zakariya na Elizabeti bari abagororotsi imbere y’Imana, kandi bakurikiza ivyagezwe n’amabwirizwa vy’Umwami Imana ata co bahajije.


I Yerusalemu hari umugabo yitwa Simeyoni, yari umugororotsi kandi yubaha Imana. Yari yiteze kubona ukwirurwa kwa Isirayeli, kandi Mpwemu Yera yari kuri we.


Ba bantu barishura bati: “Turungitswe na Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana. Ni umugororotsi yubaha Imana, ashingirwa intahe n’ubwoko bw’Abayuda bwose. Umumarayika yamubwiye ngo agutumeko iwe kugira ngo yumve ivyo uri bumubwire.”


Ni co gituma nkora ibishoboka vyoshe kugira namane umutima utanyagiriza ikibi na kimwe imbere y’Imana n’imbere y’abantu.


Nimba bishoboka, igihe cose vyoba biva kuri mwebwe, mubane amahoro n’abantu bose.


Ibisigaye bene Data, mushire ivyiyumviro vyanyu ku vy’ukuri vyose, ivy’ukwubahwa vyose, ivy’ukugororoka vyose, ibitunganye vyose, ivy’igikundiro vyose, ibishimwa vyose. Ivyo abe ari vyo mwiyumvira.


Mugire ishaka ryo kubaho ubuzima butekanye; umwe wese yiteho gukora ibimwerekeye kandi ajejwe, no gukoresha amaboko yiwe nk’uko twabibabwiye.


Murondere kubana amahoro n’abantu bose no kubaho ubuzima bwejejwe, kuko abatejejwe ntibazobona Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ