11 Abagore baze bige banumye, n’ukwubaha kwinshi.
11 Umugore yige atekereje agamburuka rwose.
Ariko hari ico mukwiye kumenya: umutwe w’umugabo ni Kristo, umutwe w’umugore ni umugabo wiwe, umutwe wa Kristo na wo ni Imana,
Bagore, mwumvire abagabo banyu, nk’uko bibereye ab’Umwami wacu.
ariko bashazishe ibikorwa vyiza, bibereye abagore bavuga ko bubaha Imana.
kuganza ingeso zabo kandi babe abatanduye, biteho ivy’ingo zabo, bagire ubugwaneza, bubahe abagabo babo, kugira ngo ntibatukishe ijambo ry’Imana.
Kandi muri iyo nzira nyene, bagore, mwubahe abagabo banyu; kugira ngo na barya batumvira Ubutumwa Bwiza, bahindurwe n’ingeso nziza z’abagore babo ata majambo arinze kuvugwa,