Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Timoteyo 2:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Ndakwinginze rero, imbere ya vyose, kugira ngo wingingire abantu bose, ubasengere, ubasabire wongere ubashimire Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Irya mbere y’ibindi vyose, ndabahanūra kwingingira abantu bose no kubasengera no kubasabira no kubashimira Imana:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Timoteyo 2:1
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ibihe vy’ubutamenya Imana yaravyihanganiye, ariko ubu ihamagarira abantu aho bari hose kwihana,


Imbere ya vyose, nagomba gushimira Imana yanje ku bwa mwebwe mwese ndabicishije kuri Yesu Kristo, kuko ukwizera kwanyu kwamamaye mw’isi yose.


Ariko, Imana ishimwe, kuko naho mwigeze kuba abagurano b’icaha, ubu mwarumviye n’imitima yanyu yose ukuri kuri mu nyigisho mwakiriye.


Kuko ivyo nahawe ari vyo nabashikirije nk’ivy’igiciro vya mbere: ko Kristo yapfiriye ivyaha vyacu, nk’uko Ivyanditswe bibivuga,


Ni co gituma twinginze Tito, uwabateye intege zo gutanga mu ntango, ngo agaruke abandanye ico gikorwa c’ubuntu akirangize.


Ndabasaba rero ngo ntimwihebuzwe n’imibabaro ndiko ndacamwo ku bwanyu, kuko ni icubahiro canyu.


mushimira vyose Imana Data imisi yose, mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo.


Kandi musengere muri Mpwemu ibihe vyose kandi mugire amasengesho y’uburyo bwose n’ukwinginga. Hamwe n’ivyo vyose, mwame muri maso kandi mwame musenga ubudasiba musengera abera b’Imana bose.


Ntimukiganyire ku kintu na kimwe, ariko ivyo mukeneye vyose mubimenyeshe Imana mu gusenga no mu kwinginga, bifatanije no gukenguruka.


Kandi dusenga ngo Imana yongerereze kandi isesekaze urukundo mugiriranira muri mwebwe, n’abandi bose, nk’uko urwacu rumeze kuri mwebwe.


Bene Data, birabereye ko dushima Imana ku bwanyu, kuko ukwizera kwanyu kubandanya gukomera, kandi n’urukundo mugiriranira hagati yanyu na rwo rukaba ruguma rugwira.


yo ishaka ko abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ukuri.


Umupfakazi atagira ic’epfo ca ruguru, asigaye ari wenyene, ashira ivyizigiro vyiwe mu Mana, akama ayisenga ijoro n’umurango kugira ngo imufashe.


Kandi umukozi w’Imana ntaharira, ahubwo agira ubugwaneza kuri bose, ashoboye kwigisha, yihanganira abanyabihari.


Ubuntu bw’Imana buzana agakiza bwarahishuwe ku bantu bose.


Birinde kugira uwo batuka kandi birinde ibihari. Ariko babe abagwaneza, kandi bace bugufi imbere y’abantu bose.


Ico twipfuza n’uko mubandanya mwerekana uwo mwete gushika kw’iherezo, kugira ngo ivyo mwiteze mudakekeranya bize bishike.


Nuko rero mwaturanire ivyaha vyanyu, musengeranire kugira ngo mukire ingwara. Isengesho ry’umugororotsi ririmwo ububasha kandi rikora vyinshi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ