Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Timoteyo 1:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Ariko Imana yangiriye ubuntu kugira ngo muri jewe, umunyavyaha ruhebwa, Kristo Yesu yerekane akarorero k’ukwihangana kwiwe kutagira iherezo kuri abo bose bazomwizera bakaronka ubuzima budahera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Ariko, icatumye ngirirwa ikigongwe n’ukugira ngo Yesu Kristo yerekanire muri jewe gahebuza, ukwihangana kwiwe kwose, mbe icitegererezo c’abazomwizera bakaronka ubugingo budashira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Timoteyo 1:16
37 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni ko n’abamarayika b’Imana bagira umunezero iyo umunyavyaha umwe yihanye.”


Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, uno musi nyene uraza kubana nanje muri paradizo.”


Nuko rero ndakubwire, yerekanye urukundo rwinshi kuko yahariwe ivyaha vyiwe vyinshi. Ariko uwahariwe bike, yerekana urukundo ruke.”


Ariko ibi vyanditswe kugira ngo mwizere ko Yesu ari Kristo, Umwana w’Imana, kandi kugira ngo mumaze kwizera muronke ubugingo mw’izina ryiwe.


Uwizera Umwana afise ubugingo budashira, ariko uwutamwizera ntazoronka ubugingo budashira, ahubwo uburake bw’Imana buguma kuri we.”


Ndababwire ukuri, umuntu wese yumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, afise ubugingo budashira. Kandi uwo ntazotsindwa n’urubanza, ahubwo aramaze kuva mu rupfu aja mu bugingo.


Ariko abo Data yampaye bose, bazoza aho ndi kandi sinzokwigera ndabirukana.


Kuko ico Data ashaka ni uko uwubonye Umwana akamwizera agira ubugingo budashira, kandi nanje nzomuzura ku musi wa nyuma.”


Ariko umuntu wese arya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje afise ubugingo budashira, kandi nzomuzura ku musi wa nyuma.


Muri we, uwizera wese aba abohowe icaha ciwe cose, ari kwo kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi, ukwo mutashobora guhabwa n’ivyagezwe vya Mose.


Kuko ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira ngo bitwigishe. Bidushoboza kwihangana, bikadutera n’intege kugira ngo dushobore kwizigira ko Imana izoshitsa ivyo yasezeranye.


Kuko impembo y’icaha ni urupfu, ariko ingabire Imana itanga ku buntu ni ubugingo budashira duheshwa no kwizera Kristo Yesu, Umwami wacu.


Ku vyerekeye abatararongorwa, nta bwirizwa nahawe n’Umwami, ariko ndababwira ico niyumvira nk’umuntu w’umwizigirwa yagiriwe ubuntu n’Umwami.


None rero, kubera ko Imana mu buntu bwayo yatwizigije iki gikorwa, imitima yacu ntihugumbwa.


Intumbero y’Imana muri ivyo vyose, yari uko twebwe Abayuda, kuko ari twebwe twabaye aba mbere mu gushira ivyizigiro vyacu muri Kristo, duhesha Imana icubahiro.


Ni co gituma duhimbaza Imana kubera ubwiza bw’ubuntu bwayo yatugiriye biciye mu Mwana wayo ikunda.


kugira ngo mu bihe bizoza ize yerekane ubutunzi bwinshi butogereranywa bw’ubuntu bwayo, ubwo yatweretse biciye mu buntu yatugiriye muri Kristo Yesu.


Kuri uwo musi, azoba aje guhimbazwa n’abera biwe, gutazirwa n’abazoba baramwizeye bose. Muri bo namwe murimwo, kuko mwizeye intahe twabashingiye.


Naho nabanje kumuvugako ibibi, ngahama ishengero, nkaba umucokoranyi, naragiriwe imbabazi kuko nabikora mu kutamenya, no mu kutizera.


Ni co gituma ashobora gukiza rwose abegera Imana bamwisunze, kuko abaho ibihe vyose abasengera ku Mana.


z’abantu banse kwumvira Ubutumwa Bwiza, igihe Imana yari icihanganiye abantu, aho Nowa yubaka ubwato. Abantu umunani gusa bari muri bwo ni bo barokotse bakira umwuzure.


Mumenye ko ukwihangana kw’Umwami wacu ari agakiza, nk’uko umuvukanyi dukunda Pawulo na we yabibandikiye akoresheje ubwenge yahawe n’Imana.


Imana ntitebeje gushitsa isezerano ryayo, nk’uko bamwe biyumvira ko iritebeje. Yihanganira mwebwe, kuko idashaka ko hari n’umwe aranduka, ariko ishaka ko bose bashika ku kwihana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ