Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Timoteyo 1:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Ndashimira Umwami wacu Kristo Yesu, we yampaye inkomezi, akambonamwo ubwizigirwa, akanzeza imirimo yiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ndashimira Kristo Yesu Umwami wacu yabinshoboje, kuko yanyiyumviriye ko nd’uwo kwizigirwa, akampa ubusuku:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Timoteyo 1:12
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arababwira ati: ‘Namwe nimugende mukore mu murima wanje, ndabaha impembo mukwiranye.’


kugira ngo bose bubahe Umwana nk’uko bubaha Se. Uwutubaha Umwana, ntiyubaha na Se yamutumye.


We n’abo mu nzu yiwe bamaze kubatizwa, aca aradutumira iwe avuga ati: “Nimba mubona ko ndi uwizera Umwami Yesu, nimuze mube iwanje.” Nuko aratugobera gushika twemeye.


Ariko Umwami Yesu yishura Ananiya ati: “Genda, kuko uwo Sawuli ari igikoresho natoranije kugira ngo amenyekanishe izina ryanje mu Banyamahanga n’abami babo, ndetse no mu bwoko bwa Isirayeli.


Ariko inyigisho za Sawuli zirushiriza kugira ubushobozi mu kwemeza Abayuda b’i Damasiko ko Yesu ari we Kristo bituma bataronka ico basubizayo.


Ariko ndi uwo ndi kubera ubuntu bw’Imana, kandi ubwo buntu ntibwapfuye ubusa. Nakoze cane gusumba izindi ntumwa, ariko ntiyari jewe, bwari ubuntu bw’Imana bwakorera muri jewe.


Mbega Apolo ni iki, canke Pawulo ni iki? Ni abakozi b’Imana basanzwe babafashije mu gushika ku kwizera nk’uko Imana yakoresheje umwe umwe wese muri bo.


Ku vyerekeye abatararongorwa, nta bwirizwa nahawe n’Umwami, ariko ndababwira ico niyumvira nk’umuntu w’umwizigirwa yagiriwe ubuntu n’Umwami.


None rero, kubera ko Imana mu buntu bwayo yatwizigije iki gikorwa, imitima yacu ntihugumbwa.


Mwese muri abana b’Imana kubera kwizera Kristo Yesu,


Nta Muyuda canke Umugiriki, nta mugurano canke uwidegemvya, nta mugore canke umugabo, mwese muri umwe muri Kristo Yesu.


kandi indimi zose zize zature ko Yesu Kristo ari Umwami, kugira ngo biheshe Imana Data icubahiro.


Nahindutse umukozi waryo kubera igikorwa Imana yanjeje muri mwebwe co kubashikiriza ijambo ryayo ryuzuye.


Jewe Pawulo, intumwa ya Kristo Yesu ku bw’ugushaka kw’Imana yo Mukiza wacu, na Kristo Yesu we vyizigiro vyacu,


ziri mu Butumwa Bwiza bw’ubwiza bw’Imana ishemagizwa, ubwo najejwe.


Ndakwandikiye Timoteyo umwana wanje vy’ukuri mu kwizera: Ubuntu, imbabazi n’amahoro biva ku Mana Data wa twese, no ku Mwami wacu Kristo Yesu bibane na we.


Kandi ndakwinginze imbere y’Imana, yo itanga ubuzima kuri bose, n’imbere ya Kristo Yesu yashinze intahe nziza imbere ya Pontiyo Pilato,


Kandi ivyo wanyumvanye hari ivyabona vyinshi, uzovyigishe abantu b’ukwizerwa, na bo bazoshobora kuvyigisha abandi.


Ariko Umwami Imana yabaye ku ruhande rwanje, ampa inkomezi, kugira ngo mvuge Ubutumwa Bwiza bwuzuye, Abanyamahanga bose babwumve. Umwami Imana yankuye mu menyo y’intambwe.


Ndakwandikiye Tito, umwana wanje vy’ukuri mu kwizera dusangiye: Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data no kuri Kristo Yesu Umukiza wacu bibane na we.


mpisemwo kubikwingingira mu rukundo. Ndakwinginze jewe Pawulo, umutama kandi vyongeye ubu nkaba n’imbohe ya Kristo Yesu,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ