Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Tesalonike 5:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Ariko ko turi ab’umurango, muze tugendane ubwenge, twambaye ukwizera n’urukundo nk’icuma gikingira igikiriza, n’ivyizigiro vy’agakiza nk’inkofero y’icuma.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ariko tweho, ko tur’ ab’ umurango, twirinde ibiboreza, twambaye icuma gikīngīra igikiriza c’ukwizera n’urukundo, kandi twambaye nk’inkofero ukwizigira agakiza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Tesalonike 5:8
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

None rero hari ibintu bitatu bizokwamaho: ukwizera, ivyizigiro n’urukundo. Ariko igikuru muri vyose ni urukundo.


Twigisha Ijambo ry’Imana mu bwizigirwa no mu kuri kwaryo, kandi ubushobozi bw’Imana bukorera muri twebwe. Twitwaje ibigwanisho vy’ukugororoka mu kuryo no mu kubamfu.


Ariko twebwe turi muri Mpwemu twiteganye igishika kwakira mu kwizera ukugororoka Imana yadusezeraniye.


Mwambare ibigwanisho vyose Imana itanga, kugira ngo mushobore guhangana n’ubugunge bwose bwa wa mubi.


Amahoro abe kuri bene Data, n’urukundo rufatanije n’ukwizera biva ku Mana Data no ku Mwami Yesu Kristo.


Mwese muri abana b’umuco n’abana b’umurango. Ntituri ab’ijoro, kandi ntituri ab’umwijima.


Umwami wacu Yesu Kristo we nyene, n’Imana Data wa twese yadukunze, kandi hamwe n’ubuntu bwayo baduhe ukuremeshwa kw’ibihe bidashira n’ivyizigiro vyiza,


Ivyo vyizigiro bimeze nk’inanga ifata ubwato mu kiyaga igumye kandi ikomeye ishigikiye imishaha yacu. Ni vyo bituma turengana ca gitambara gikinze ahera, tugashika imbere y’Imana;


Nuko rero mwame mugavye kandi mwirinde. Ivyizigiro vyanyu vyose mubishire ku buntu muzohabwa igihe Yesu Kristo azohishurirwa.


Ariko mweho muri ubwoko bwatoranijwe, abaherezi b’Umwami, ihanga ryejejwe Imana yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ryayo, yo yabahamagaye ikabakura mu mwijima, ikabazana mu muco wayo utangaje.


Ariko nimba tugendera mu muco, nk’uko Imana na yo iri mu muco, aho tuba dufatanije, kandi amaraso ya Yesu, Umwana wayo, atwoza ivyaha vyose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ