16 Mwame munezerewe ibihe vyose
16 Munezerwe imisi yose;
Muze munezerwe kandi muhimbarwe kuko impera yanyu izoba ari nini mw’ijuru. Uko ni ko bahamye abavugishwa n’Imana babitangiye imbere.
Ariko ntimunezerwe n’uko impwemu mbi zibumvira, ahubwo munezerwe n’uko amazina yanyu yanditse mw’ijuru.”
Baramubwira bati: “Nyakwubahwa, turagusavye wame uduha uwo mukate imisi yose.”
Ivyizigiro vyanyu bitume mugumana umunezero. Mwihanganire imibabaro kandi mushishikare gusenga.
Turababazwa mu mitima ariko twamana umunezero. Dufatwa nk’abakenye ariko dutungishije benshi. Tuboneka nk’aho ata co dufise ariko dufise vyose.
Mwame munezerewe mu mwami, ndabisubiyemwo ubugira kabiri: nimunezerwe.