Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Tesalonike 5:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Bene Data, turabinginze ngo mwubahe abakorera muri mwebwe, babarongoye mu gikorwa c’Umwami, kandi babarongora mu vy’Impwemu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ariko bene Data, turabinginga, mumenye abakora muri mwebge bagatama, babaganza mu Mwami wacu, bakabahanūra,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Tesalonike 5:12
42 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Muze mugume muri iyo nzu nyene, mufungura kandi munywa ivyo babahaye, kuko umukozi wese abereye impembo yiwe. Ntimuze muve mu nzu muja mu yindi.


Nabarungitse kwimbura aho mutabiriye akuya. Abandi baracumukuye, none ni mwebwe mwironkeye inyungu mu buruhe bwabo.”


Nuko rero mwirinde mwebwe ubwanyu mwongere murinde n’ubusho Mpwemu Yera yabahaye ngo mububere abungere. Muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso y’umwana wayo.


Muri vyose, naberetse akarorero keza ko dutegerezwa gukora cane kugira ngo dufashe abatishoboye, twibuka amajambo y’Umwami Yesu ubwiwe, we yavuze ati: ‘Hari umugisha mu gutanga kurusha mu guhabwa.’ ”


Muntahirize Tirifina na Tirifoza, bitanze cane mu gukorera Umwami. Muntahirize kandi n’umukunzi wanje Perisida, yitanze cane mu gukorera Umwami.


Muntahirize Mariya, yitanze cane mu gukorera mwebwe.


Ibi ni vyo bihimba vy’umubiri Imana yashize mw’ishengero: hari intumwa, abavugishwa n’Imana, abigisha, abakora ibitangaza, abafise ingabire zo gukiza ingwara, abafise ingabire zo gufasha abandi, abafise ingabire z’uburongozi, n’abavuga indimi zitandukanye.


Ariko ndi uwo ndi kubera ubuntu bw’Imana, kandi ubwo buntu ntibwapfuye ubusa. Nakoze cane gusumba izindi ntumwa, ariko ntiyari jewe, bwari ubuntu bw’Imana bwakorera muri jewe.


ngo murongorwe n’abantu nka bo, canke n’abifatanije na bo muri ico gikorwa.


Baranteye intege nk’uko babateye intege. Abantu nk’abo ni abo gushimira ku bw’ibikorwa vyiza bakora.


kuko twempi dukorera Imana, namwe muri umurima w’Imana, muri inzu yayo.


Mbega ni abakozi ba Kristo? (Nataye ubwenge kubona ndiko mvuga uku) Ndabaruta. Nakoze cane kubasumvya, nashizwe mw’ibohero kenshi, nakubiswe kenshi katoharurwa, nahatswe gupfa kenshi.


Ariko ico twipfuza imbere ya vyose, ni ukunezereza Umwami wacu, haba mu kuguma muri uwu mubiri canke mu kuwuvamwo.


None rero ko dukorana n’Imana, turabinginga ngo ntimupfishe ubusa ubuntu bw’Imana.


Ndatinya ko kumbure ivyo nakoze vyose muri mwebwe vyapfuye ubusa.


Mugumye cane ijambo ritanga ubugingo, ni ho nzoronka ico nirata ku musi w’ukugaruka kwa Kristo, kuko ntazoba nirukiye ubusa, kandi igikorwa canje ntikizoba cabaye impfagusa.


Umwami Yesu niyabikunda, nzobarungikira Timoteyo, kugira ngo nanje nzoterwe intege igihe nzokwumva amakuru yanyu.


Ni co gituma nkora nkaruha cane, nkagwanisha ubushobozi bwiwe bwinshi bukorera muri jewe n’inkomezi.


Nta nkeka, bene Data, ko mwibuka uburuhe n’ukubabazwa vyacu; ingene twakora ijoro n’umurango kugira ngo ntihagire umuntu n’umwe turemera igihe twariko tubabwira Ubutumwa Bwiza bw’Imana.


Bene Data, twarababwiye uko mukwiye kwigenza kugira ngo munezereze Imana, kanatsinda ni ko mubayeho. Ubu naho turabasaba tubinginga mw’izina ry’Umwami Yesu ngo murushirize.


Kandi, turabinginze bene Data ngo muhanure ibinebwe, muremeshe abadendebukiwe, mufashe abanyantegenke, mwihanganirane.


Ntugakankamire umutama, ariko umuhanure umwubashe nk’aho yoba ari so. Abakiri bato ubafate nka benewanyu,


Ariko nihagira uwuguma mu vyaha, uzomwihanikirize mw’ishengero ry’abantu kugira ngo abandi na bo babone gutinya.


Uwaruhiye kw’isuka ni we yari akwiye kuba uwa mbere mu kurya ivyeze vyo mu mwimbu wiwe.


hanyuma igihe cayo kigeze ihishura ijambo ryayo biciye mu kuvuga Ubutumwa Bwiza nizigijwe n’icagezwe c’Imana, yo Mukiza wacu,


Icatumye ndagusiga i Kirete kwari kugira ngo utunganye ibitari bwatungane, wongere ugene abarongozi b’ishengero mu bisagara vyose nk’uko nari nabikweretse.


Ivyo ni vyo ukwiye kwigisha abizera. Ubahimiririze kubikora kandi ukosore abatabikora, kandi ubigire mu mubasha wahawe bwose. Ntukemerere umuntu n’umwe kugusuzugura.


Mugamburukire abarongozi banyu kandi mukore ivyo babategeka, kuko barinda imitima yanyu, kandi bazobibazwa n’Imana. Muborohereze kugira ngo babikorane umunezero, ata mubabaro, kuko ivyo nta ciza vyobazanira.


Mwibuke abarongozi banyu, babigishije ijambo ry’Imana. Murabe ivyiza vyavuye mu buzima bwabo hanyuma mwigane ukwizera kwabo.


Iyi ni yo nsiguro y’ikinyegezwa c’inyenyeri indwi wabonye mu kiganza canje, n’igiterekwako amatara gikozwe mu nzahabu: inyenyeri indwi ni abamarayika b’amashengero indwi, ibiterekwako amatara na vyo ni ayo mashengero indwi.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Perugamo uti: Uwufise inkota ikarishe, ifise ubugi bubiri, aravuga ati.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Tuwatira uti: Umwana w’Imana, uwufise amaso aca ibibatsi nk’imbeya z’umuriro, akagira n’ibirenge vyakaka nk’umuringa, aravuga ati.


Wihanganiye imibabaro myinshi ku bw’izina ryanje, ntiwadendebukirwa.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Simuruna uti: Uwa mbere akaba n’uwa nyuma, uwapfuye akazuka, aravuga ati.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Sarudi uti: Uwufise mu biganza impwemu indwi z’Imana n’inyenyeri indwi aravuga ati: Ndazi ibikorwa vyawe. Abantu benshi bazi ko uri muzima kandi warapfuye.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Lawodikiya uti: Uwitwa Amen, umwizigirwa kandi icabona c’ukuri, uwuganza ivyaremwe n’Imana vyose, aravuga ati.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Filadelufiya uti: Uwera kandi uw’ukuri, uwufise urupfunguruzo rwa Dawidi mu kiganza; ico yuguruye nta wushobora kucugara, kandi ico yugaye nta wushobora kucugurura; aravuga ati.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ