Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Tesalonike 5:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 None rero muremeshanye mwongere mukuzanye, nk’uko musanzwe muriko murabikora.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Nuko muhanūrane, mukomezanye, nk’uko mubikora nyene.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Tesalonike 5:11
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

None rero, muze turonderane umwete kubana amahoro no gukomezanya hagati yacu.


Bene Data, jewe ubwanje ndazi neza ntakekeranya ko mwuzuye ineza n’ubumenyi bwose kandi ko mushoboye kwigishanya.


Dukwiye gufasha bagenzi bacu gukora ibibereye mu ntumbero yo kubafasha gukura mu kwizera.


Muvuga muti: “Vyose turavyemerewe,” yamara si vyose bigira ikimazi. Muvuga muti: “Vyose turavyemerewe,” yamara si vyose vyubaka.


Na mwebwe ni uko. Ko mufise umwete wo kurondera ingabire za Mpwemu, mukore ibishoboka kugira muronke ingabire zubaka ishengero.


Abantu nka babiri canke batatu bazotange ubuvugishwa, abandi na bo basese, bihweze ivyavuzwe.


Vyobaye vyiza mwese muvuze mu ndimi, ariko ikirengeye ni uko mwovugishwa n’Imana. Uwuvugishwa n’Imana arahambaye gusumba uwuvuga mu ndimi, kiretse mu gihe yoba ashobora kuzisobanura kugira ishengero ryose rikomezwe.


Mbega mwibaza ko ibi tubivuga mu kubisigurako? Twamye tuvugira imbere y’Imana nk’abari muri Kristo Yesu. Kandi ivyo dukora vyose ga bakundwa, ni ukugira mukomere mu kwizera.


kugira ngo bashobore kwigisha abera na bo bakore igikorwa ciwe, bubake ishengero ari ryo mubiri wa Kristo.


Ni we atuma umubiri wose ukomera ugafatanywa neza n’ingingo zawo, ugakura neza kandi ukubakwa mu rukundo, mu gihe urugingo rwose rukoze igikorwa carwo.


Ntihakagire ijambo ribi riva mu kanwa kanyu, ariko iryo muvuze ryose, rize ribe ryiza kandi ryubaka abandi mu bijanye n’ivyo bakeneye, ryongere ribe irihesha ubuntu ababumva.


Kandi ni ko biri, urwo rukundo mwararwerekanye kuri bene Data bose b’i Makedoniya. Bene Data, turabinginga, ngo murushirizeho kwerekana urukundo nk’urwo.


canke ngo bateshe umwanya abantu mu vy’imigani myinshi n’urukurikirane rudahera rwa ba sekuruza. Ivyo bizana impari, aho gufasha mu gikorwa c’Imana co gukiza, ico tumenya mu kwizera.


Kandi ntiduhebe gukoranira hamwe, nk’uko bamwe babigira, ahubwo duterane intege, na canecane ubu mubona ko umusi wo kugaruka kwiwe wegereje.


Ahubwo, muhanurane imisi yose, tugishobora kuvuga “uwu musi,” kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe akomantazwa no guhendwa n’icaha.


Nzokwama ndabibutsa ivyo bintu, naho mubizi kandi mumaze gushinga imizi mu kuri mufise ubu.


Ariko mweho, bakundwa, mwiyubake mu kwizera kwanyu kwera cane kandi musengere muri Mpwemu Yera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ