Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Tesalonike 5:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Yaradupfiriye kugira ngo ni yaza, twoba twarapfuye canke twoba tukiriho, tuzobane na we ibihe vyose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 ni we yadupfiriye kugira ngo tubaneho na we, ar’ iyo turi maso canke dusinziriye itiro ry’urupfu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Tesalonike 5:10
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kuko n’Umwana w’Umuntu ntiyazanywe no gukorerwa, ahubwo yazanwe no gukorera abandi no gutanga ubuzima bwiwe ngo bube incungu ya benshi.”


Jewe ndi umwungere mwiza. Umwungere mwiza yitangira intama ziwe.


nk’uko Data anzi nanje nkamumenya. Ni co gituma ntanga ubugingo bwanje ku bwazo.


Igituma Data ankunda ni uko ntanga ubuzima bwanje kugira ngo nzosubire kubwakira.


Nta rukundo ruruta gutanga ubugingo bwawe ku bwa bagenzawe.


None ni nde azobatsindisha? Nta n’umwe, kuko Kristo Yesu yadupfiriye, ikigeretseko yarazutse ku bwacu, ubu yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana kandi aradusengera.


Kuko ivyo nahawe ari vyo nabashikirije nk’ivy’igiciro vya mbere: ko Kristo yapfiriye ivyaha vyacu, nk’uko Ivyanditswe bibivuga,


Kandi yapfiriye bose kugira ngo ntihagire uwubaho yinezereza ariko abeho anezereza uwamupfiriye akanamuzukira.


Imana yahinduye icaha uwutigeze acumura ku neza yacu, kugira ngo muri we ducike ukugororoka kw’Imana.


kandi mugendere mu nzira y’urukundo, nk’uko Kristo yadukunze akitanga ku bwacu ngo abe ubumote bwiza n’ikimazi bihabwa Imana.


Bene Data, turashaka ko mumenya ibizoba ku basinziriye itiro ry’urupfu (abitavye Imana), kugira ntimwicwe n’umubabaro nk’abadafise ivyizigiro.


Dufatiye kw’Ijambo Umwami yivugiye, turababwiye ko natwe abazoba bakiri bazima, dusigaye gushika ku kugaruka kw’Umwami, tutazotanga abamaze gupfa kumusanganira.


Hanyuma, natwe abazoba bakiriho, tuzoca tuduganwa mu bicu, dusanganire Umwami mu kirere. Ni ho tuzoca tubana n’Umwami ibihe bitazoshira.


Ni co gituma tudakwiye kwifata nk’abandi basinziriye. Twame turi maso, twirinde akaborerwe.


Yatanze ubuzima bwiwe nk’incungu ku bantu bose. Ubu ni bwo butumwa Imana yatanze igihe cayo kigeze.


Iri jambo ni iryo kwizera: “Nitwapfana na we, tuzobana bazima na we.


Ni we yatwitangiye, araducungura kugira ngo tuve mu bubi bwacu bwose, atugira ubwoko bwejejwe yiharije, bufise ishaka ryo gukora ivyiza.


Ku musaraba, Kristo ubwiwe yishizeko ivyaha vyacu, kugira ngo kamere muntu kacu ko gukunda icaha gapfe, tubeho dukunda gukora ivyo kugororoka. Mu bikomere vyiwe ni ho dukura gukira ingwara.


Kuko na Kristo yababarijwe ivyaha vyacu rimwe gusa, uwutagira icaha apfira abanyavyaha, kugira ngo abahuze n’Imana. Mu mubiri yarishwe, ariko Mpwemu Yera amusubiza ubugingo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ