Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Tesalonike 4:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Ni co gituma uwanse kugendera izi nyigisho ataba yanse umuntu, ariko aba yanse Imana, yo ibaha Mpwemu wayo Yera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ni co gituma ūvyanka ataba yanse umuntu arikw aba yanse Imana, kand’ ari yo ibaha Mpwemu wayo Yera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Tesalonike 4:8
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uwubumvira ni jewe aba yumviye, kandi uwubanka ni jewe aba yanse. Uwunyanse na we aba yanse uwantumye.”


Ariko uwutanyakiriye akanka n’amajambo yanje azotsindwa n’urubanza; amajambo nababwiye ni yo azomutsindisha ku musi wa nyuma.


‘Nimwitegereze, mwa bacokoranyi mwe, mutangare maze munyike. Kuko mu gihe canyu ngiye gukora kintu, mutokwigera mwemera, naho hogira uwukibabwira.’”


Kandi, ivyo vyizigiro ntibitetereza, kuko Imana yasutse urukundo rwayo mu mitima yacu ibicishije muri Mpwemu Yera yaduhaye.


Ariko ivyo Imana yarabiduhishuriye muri Mpwemu wayo. Mpwemu asesangura vyose, mbere n’ibihishijwe vy’amabanga y’Imana.


Ariko jewe niyumvira ko yonezerwa gusumba agumye uko yari ari, kandi nanje ndabahaye iyi mpanuro ndongowe na Mpwemu w’Imana.


idushirako ikimenyetso co kuba abayo, igashira Mpwemu wayo mu mitima yacu nk’ingwati y’ivyo yadusezeraniye vyose.


Kuko turi abana bayo, Imana yarungitse Mpwemu w’Umwana wayo mu mitima yacu. Ni we Mpwemu atuma dusemerera tuvuga tuti: “Aba, Data.”


Imana yabahishuriye ko ivyo bavugishwa bitari biberekeye, ahubwo ko vyari vyerekeye mwebwe. Ubwo butumwa namwe mwarabubwiwe n’ababuvuga basunitswe na Mpwemu Yera yarungitswe avuye mw’ijuru. Ivyo ni igitangaza kuko n’abamarayika baripfuza kubibona bishika.


Kuko ukuvugishwa kutava mu gushaka kw’umuntu, ariko abantu bavuga ibivuye ku Mana nk’uko bari barongowe na Mpwemu Yera.


Umuntu yitondera amabwirizwa y’Imana aguma muri yo, na yo ikaguma muri we. Kandi ikitwereka ko Imana iguma muri twebwe ni Mpwemu yaduhaye aba muri twebwe.


Uko ni ko n’abo bantu bagendera mu ndoto zabo, bonona imibiri yabo, bagasuzugura ububasha bw’Imana bagatuka ivy’icubahiro vyo mw’ijuru.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ