Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Tesalonike 4:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Imana ntiyaduhamagariye kuba abahumanye, ariko ishaka ko tugira ubuzima bwejejwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Kukw Imana itāduhamagariye guhumana, ariko yaduhamagariye kwezwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Tesalonike 4:7
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko rero ndabandikiye mwebwe ab’i Roma, mukundwa n’Imana kandi mwahamagariwe kuba abantu bayo bejejwe: Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibe kuri mwebwe mwese.


Turabandikiye mwebwe abo mw’ishengero ry’Imana riri i Korinto, mwejejwe muri Kristo Yesu kandi mwahamagariwe kuba abera, hamwe n’abo bose bambaza izina ry’Umwami Yesu Kristo aho bari hose, bakamwambaza nk’Umwami wabo ari we Mwami wacu:


Ibikorwa vya kamere muntu biragaragara, ni ibi: ubusambanyi, ibihumanya, ivy’isoni nke,


Kuva isi itararemwa, Imana yari yaramaze kudutoranya muri Kristo, kugira ngo tube abejejwe batagira ico bagawa mu nyonga zayo. Kubera urukundo rwayo,


Kuko turi ibiremwa vy’Imana, yaturemye gusha muri Kristo Yesu kugira ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo yari yaraduteguriye gukora kuva kera.


Nuko, Jewe nk’imbohe y’Umwami, ndabinginga ngo mubeho ubuzima bubereye ihamagarwa ryanyu mwahamagawe n’Imana.


Kubera ata kintu kigiteye isoni kuri bo, bisutse mu vy’ubuhumbu maze bakora ibihumanya vy’uburyo bwose, kandi buzuye ukwipfuza kwinshi.


Kubatera intege kwacu ntikwava ku buzimire canke ku ntumbero mbi twari dufise, kandi ntitwarondera kubahenda.


Kuko Imana ni yo yadukijije, iduhamagarira kubaho ubuzima bwejejwe. Ivyo ntiyabikoze kuko twari tubibereye, ariko ni ku bw’umugambi wayo n’ubuntu bwayo. Ubwo buntu twabuherewe muri Kristo Yesu ibihe bitarabaho,


Murondere kubana amahoro n’abantu bose no kubaho ubuzima bwejejwe, kuko abatejejwe ntibazobona Imana.


Izohana canecane abakurikira ivyipfuzo biva muri kamere k’imibiri yabo bagakengera ukuganza kwayo. Abo bantu ni intagondwa n’abanyabwibone, kandi ntibatinya no gutuka ivy’icubahiro vyo mw’ijuru;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ