Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Tesalonike 4:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 mudatwarwa n’ivyipfuzo vy’umubiri nk’abapagani batazi Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 atari mu buryo bgo kwāngāza umutima mu vyifuzo, nk’ukw abanyamahanga batazi Imana bagira;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Tesalonike 4:5
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ivyo ni vyo abatizera Imana birukira ubudahumeka; ariko mweho So wo mw’ijuru arazi ko ivyo vyose mubikeneye.


Kuko n’abantu bo mu mahanga yose yo kw’isi na bo ivyo ni vyo birukira ubudahumeka, ariko mweho So wo mw’ijuru arazi ko ivyo vyose mubikeneye.


Kuko igihe nariko ndagendagenda ndaba ivyo mukoresha mu gusenga, nabonye n’igicaniro canditsweko ngo: ic’imana itazwi. None rero iyo musenga mutazi niyo ngira ndababwire.


Ivyo vyatumye Imana ibareka kugira ngo bakore ibiteye isoni imitima yabo yipfuza, gutyo bakoreranira ibikorwa bihumanya imibiri yabo.


Ivyo ni vyo vyatumye Imana ibaheba ngo bakore ibiteye isoni imitima yabo yipfuza. Mbere n’abagore babo bataye ibanga ry’abubatse nk’uko Imana yaritegekanije, biyononesha guhuza ibitsina n’abandi bagore nka bo.


Kuko banse kumenya Imana, na yo yarabahevye, irabareka ngo bakurikire ivyiyumviro vyabo bipfuye, bakore ibintu batari babereye gukora.


Kuko Imana mu bwenge bwayo yabonye ko ab’isi batoyimenya bakoresheje ubwenge bwabo, ni co gituma yahisemwo gukirisha abizera amajambo y’Ubutumwa Bwiza, ayo bamwe bita ubujuju.


Garura ubwenge nk’uko bibereye, mureke kwama mukora ivyaha. Ibi ndabivuze kugira ngo ndabatere kugira isoni, kuko bamwe muri mwebwe bataramenya Imana na gato.


Kera, mutaramenya Imana, mwari mujakariye ibigirwamana.


Mwibuke ko ico gihe mwari mutandukanijwe na Kristo, mutagira ubwenegihugu muri Isirayeli kandi ata co mwiteze ku masezerano Imana yasezeranye, mutagira ivyizigiro kandi mutagira Imana mw’isi.


Nuko rero, mwice ibintu vyose vya kamere k’isi: ubusambanyi, ibihumanya, ivyipfuzo vy’umubiri, ivyipfuzo bibi n’ugukunda amahera, ari kwo gusenga ibigirwamana.


Azohana abatazi Imana n’abatubaha ivyo Ubutumwa Bwiza bw’Umwami Yesu bwigisha.


Muri kahise mwamaze umwanya munini mukora ivyo abapagani bakunda gukora: ubusambanyi, kwipfuza, kuborerwa, ivy’isoni nke no gusenga ibigirwamana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ