Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Tesalonike 4:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ico Imana igomba ni uko mubaho mwejejwe, muri kure y’ivyaha vy’ubusambanyi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Ico Imana igomba, n’ukwezwa kwanyu, ko mwirinda ubushakanyi;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Tesalonike 4:3
47 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko uwukora ivyo Data wo mw’ijuru ashaka wese ni we mwene mama, kandi ni we mama.”


Kuko mu mutima ari ho hava ivyiyumviro bibi: ubwicanyi, ubusambanyi, ivy’isoni nke, ubusuma, kubeshera abandi no kuvuga abandi nabi.


Ariko jeho ndababwira yuko umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi, aba amutumye gusambana kandi ko uwurongoye umugore yahukanye, na we aba asambanye.


Abampamagara bose ngo: Mwami, Mwami, si bo bazokwinjira mu Bwami bw’ijuru, ariko ni abakora ivyo Data wo mw’ijuru agomba.


Uwukora ivyo Imana ishaka wese ni we mwene mama kandi ni we mama.”


Yesu arababwira ati: “Ivyokurya vyanje ni ugukora ivyo uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.


Umuntu wese ahisemwo gukora ivyo Imana ishaka azotahura nimba inyigisho zanje ziva ku Mana canke ko ari amajambo yanje gusa.


Ahubwo dukwiye kubandikira, tukabwira ko bokwirinda kurya ivyaterekerewe ibigirwamana, bakirinda ingeso mbi z’ubusambanyi, kutarya ibikoko vyanizwe, n’amaraso.


Muze mwirinde kurya ivyaterekerewe ibigirwamana, amaraso canke inyama z’ibikoko binizwe, kandi mwirinde ingeso mbi z’ubusambanyi. Nimwavyirinda muzoba mugize neza. Turabasezeye.


Ubu rero ndabaragije Imana n’ijambo ry’ubuntu bwayo, ryo rishobora kubakomeza mu kwizera no kubaha kuragwa ivyiza hamwe n’abera.


kugira ngo ubugurure amaso, bave mu mwijima baje mu muco, ubakure mu bubasha bwa Satani ubazane ku Mana, baharirwe ivyaha vyabo, maze bahabwe ikibanza mu bejejwe babihawe no kunyizera.’


Ubuzima bwabo bwuzuyemwo ivyaha vy’uburyo bwose: ubukozi bw’ikibi. Buzuye ukwipfuza ivy’abandi, urwanko, ishari, ubwicanyi, gutongana, gusukana, guhendana, urusaku,


Ntimukigane inyifato n’imigenzo y’isi ya kino gihe, ariko mureke Imana ibahindure rwose mu kubaha ukwiyumvira gushasha. Aho ni ho muzoshobora gutahura ivyo Imana ibagombako, kuko ni vyo vyiza, ni vyo biyihimbara kandi ni vyo bitunganye rwose.


Ubu rero ko mwabohotse mutakiganzwa n’icaha, mwahindutse abagurano b’Imana, inyungu yanyu ni ubuzima bwiyeguriye Imana, kandi ivyo bibashikana ku bugingo budashira.


Imana ni yo yabagize umwe na Kristo Yesu, we yatubereye ubwenge buva ku Mana. Ni we kugororoka kwacu, ukwera kwacu kandi ni we gucungurwa kwacu gukomokako.


Ariko kubera ubusambanyi buhari, umugabo wese akwiye kugira umugore wiwe, kandi umugore wese akwiye kugira umugabo wiwe.


Ndatinya kandi ko aho nzozira Imana izoncisha bugufi imbere yanyu, nkababazwa cane n’uko bamwe muri mwebwe batahevye ivyaha vyabo bakora kuva kera. Ntibihanye ivyonona, ubusambanyi, n’ibindi vy’isoni nke bakora.


Ibikorwa vya kamere muntu biragaragara, ni ibi: ubusambanyi, ibihumanya, ivy’isoni nke,


Ntimube ibipfu, ariko mutahure ivyo Umwami abashakako ivyo ari vyo.


Mubumvire igihe cose, atari gusa iyo babahagarikiye. Ariko kuko muri abakozi ba Kristo, mugakora ivyo Imana igomba bivuye ku mitima.


Ni co gituma, kuva igihe twumviye ivyanyu, tudahengeshanya kubasengera, dusaba Imana ngo ibuzuze ukumenya ivyo igomba mu bwenge bwose n’ugutahura bitangwa na Mpwemu,


Nuko rero, mwice ibintu vyose vya kamere k’isi: ubusambanyi, ibihumanya, ivyipfuzo vy’umubiri, ivyipfuzo bibi n’ugukunda amahera, ari kwo gusenga ibigirwamana.


Epafura, umwe muri mwebwe kandi akaba umukozi wa Kristo Yesu, arabaramutsa. Yama imisi yose abagwanira intambara mu gusenga, kugira ngo muhagarare mushikamye, mukuze mu mpwemu kandi mushize amanga, mwiteguriye gukora ivyo Imana igomba vyose.


Kuko murazi ivyo twabigishije turi mu bubasha bw’Umwami Yesu.


Kandi ni uko umwe wese muri mwebwe yobaho aganza umubiri wiwe, yejejwe kandi yihesha agateka,


Mwame mushima Imana mu bibashikira vyose kuko ari kwo gushaka kw’Imana kuri mwebwe abari muri Kristo Yesu.


Imana yo nyene, yo Mana y’amahoro, ibandanye ibeza; kandi impwemu, imishaha n’imibiri vyanyu bizosangwe bitagira agasembwa ku musi w’ukuza kw’Umwami wacu Yesu Kristo.


Ariko birabereye ko dushima Imana ku bwanyu, bene Data bakundwa n’Imana, kuko muri nk’ivyeze ubwa mbere Imana yatoranirije ngo mukizwe biciye mu gikorwa c’ukweza ca Mpwemu no mu kwizera ukuri.


Ni we yatwitangiye, araducungura kugira ngo tuve mu bubi bwacu bwose, atugira ubwoko bwejejwe yiharije, bufise ishaka ryo gukora ivyiza.


Mukwiye kwihangana kugira ngo nimwamara gukora ivyo Imana ishaka muze muhabwe ivyasezeranywe.


Ntihakagire n’umwe muri mwebwe aba umushakanyi canke atubaha Imana nka Esawu yagurishije kuba samuragwa kwiwe, akagukaba isahani imwe y’ivyokurya.


abe ari yo ibaha ivyiza mukeneye vyose kugira ngo mukore ivyo ishaka. Ishitse muri twebwe, biciye mu bushobozi bwa Yesu Kristo, ibiyihimbara vyose. Icubahiro cose kibe icayo ibihe vyose. Amen.


Ukwubakana kwubahirizwe na bose, kandi ntihakagire icanduza uburiri bw’abubakanye; kuko Imana izocira urubanza abagendera mu bushakanyi no mu busambanyi.


Imana Data yabamenye kuva kera irabatoranya, Mpwemu wayo arabeza kugira ngo mwumvire Yesu Kristo mwogejwe n’amaraso yiwe: Ubuntu n’amahoro bibe muri mwebwe bisesekaye.


Kandi uhereye ico gihe, imisi yose asigaje kubaho, ntaba akirongorwa n’ivyipfuzo vy’umubiri, ariko abaho arongorwa n’ivyo Imana igomba.


Kandi isi iriko iraherana n’ivyipfuzo vyayo. Ariko umuntu wese akora ivyo Imana ishaka abaho ibihe bidashira.


Ariko abahemuka, abatizera, abakora ibiterasoni, abicanyi, abasambanyi, abapfumu, abasenga ibigirwamana n’ababeshi bose, ikibanza cabo ni ikiyaga caka umuriro, ari rwo rupfu rwa kabiri.”


Inyuma y’igisagara hazoba hari imbwa, abapfumu, abasambanyi, abicanyi, abasenga ibigirwamana hamwe n’abakunda kubesha bakanabikora.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ