Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Tesalonike 4:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Kuko, Umwami wacu ubwiwe azomanuka avuye mw’ijuru, azotegeka n’ijwi rirenga, hamwe n’akamo k’umumarayika mukuru n’uguhamagara kw’inzamba y’Imana, maze abapfiriye muri Kristo bazoca bazuka ubwa mbere.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Kuk’ Umwami wacu ubgiwe azoza, amanutse avuye mw ijuru, aranguruye ijwi rirenga, hamwe n’akāmo k’umumarayika mukuru, n’inzamba y’Imana. Maz’ abapfiriye muri Kristo ni bo bazobanza kuzuka;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Tesalonike 4:16
33 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko Umwana w’Umuntu agiye kugaruka ari mu bwiza bwa Se, ari kumwe n’abamarayika biwe, hanyuma ahe impembo umuntu wese ikwiranye n’ivyo yakoze.


Ndababwire ukuri, bamwe mu bahagaze ngaha ntibazopfa batabonye Umwana w’Umuntu aje ari mu bwami bwiwe.”


Aho Umwana w’Umuntu azozira, ari mu bwiza bwiwe, ari kumwe n’abamarayika biwe, azokwicara ku ntebe yiwe y’inganji.


Yesu aramwishura ati: “Uko uvuze ni ko biri. Kandi muri kazoza, muzobona Umwana w’Umuntu yicaye mu kibanza c’icubahiro i buryo bw’Imana y’ububasha, kandi aza ari ku bicu vyo kw’ijuru.”


Barababaza bati: “Yemwe Bagabo b’i Galilaya, ni kuki muhagaze ngaha muraba mw’ijuru? Uwu Yesu akuwe muri mwebwe akajanwa mw’ijuru, azogaruka uko mubonye agiye.”


N’abapfiriye muri Kristo ntibazosubira kubaho.


Ariko koko Kristo yarazutse mu bapfuye, maze, nk’ivyeze ubwa mbere, aba icemeza ko abapfuye bazozuka.


Ariko hazoba urukurikirane mu kuzuka: Kristo yarazutse nk’ivyeze ubwa mbere; hanyuma abamukurikiye bose bazozuka niyagaruka.


Kandi baranavuga ukuntu mwiteganye igishika ukugaruka kw’Umwana w’Imana azoza avuye mw’ijuru, ari we Yesu, uwo Imana yazuye mu bapfuye. Ni we yadukijije uburake buzoza.


Imana yo nyene ari yo Data, n’Umwami wacu Yesu Kristo, baducire inzira kugira ngo dushobore kuzobagendera vuba.


yongere ihe akaruhuko mwebwe muri mu mibabaro, co kimwe natwe. Ivyo bizoshika ku musi Umwami Yesu azohishurirwako avuye mw’ijuru mu kibengebenge gikomeye c’umuriro ari kumwe n’abamarayika biwe b’ubushobozi bwinshi.


Bene Data, ku bijanye n’ukugaruka kw’Umwami wacu Yesu Kristo hamwe n’ingene tuzomusanganira tukabana na we,


Ariko umusi Umwami wacu azogarukirako uzoshika nk’igisuma. Amajuru azozimangana mu kwasana guhambaye cane; ibiri mu kirere bizotongorwa n’umuriro, kandi isi n’ibiri muri yo vyose bizocirwa urubanza.


Ariko na Mikayeli, Umumarayika mukuru, aho yariko araharira na Satani bapfa umuvyimba wa Mose, ntiyubahutse kumutuka, ariko yavuze ati: “Uhoraho aguhane!”


Maze ku musi w’Umwami Imana, ndi muri Mpwemu, numva ijwi rivugira inyuma yanje rimeze nk’iry’inzamba isamirana,


“Ehe azananye n’ibicu,” kandi “amaso yose azomubona; n’abamucimise bazomubona,” kandi isi yose “izoboroga ku bwiwe.” Nibibe gutyo, Amen.


Hanyuma nca numva ijwi rivuye mw’ijuru rimbwira riti: “Andika ibi bikurikira: uhereye ubu, hahiriwe abapfa bapfira mu Mwami.” Mpwemu aravuga ati: “Egome, bazoruhuka imiruho barushe, kuko ibikorwa vyabo bizobaherekeza.”


Ndavye kandi, nca numva inkona igurukira kure mu kirere ivuga n’ijwi rirenga iti: “Baragowe, baragowe, baragowe ababa kw’isi ku bw’ibizoba abamarayika batatu ba nyuma nibavuza inzamba!”


Nca mbona ba bamarayika indwi bahagaze imbere y’Imana bahawe inzamba indwi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ