Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Tesalonike 4:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Uko twizera ko Yesu yapfuye hanyuma akazuka, ni ko twizera ko Imana imugarukanye azoza azananye n’abasinziriye muri we.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Uko twizera yuko Yesu yapfuye akazuka, abe ari ko twizera yukw abāsinziririye muri Yesu, Imana izobazanana na we.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Tesalonike 4:14
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Azotuma abamarayika biwe bavuze inzamba isamirane cane, hanyuma begeranye abatoranijwe biwe bose bo mw’isi, kuva aho ijuru ritangurira gushika aho riherera.


Kuko icatumye Kristo apfa akazuka ni ukugira ngo abe umwami w’abazima n’abapfuye.


Nimba Mpwemu w’Imana yazuye Kristo mu bapfuye aba muri mwebwe, nta kabuza ko Imana izoha imibiri yanyu ipfa ubugingo, biciye muri Mpwemu wayo aba muri mwebwe.


Imana ikomeze imitima yanyu kugira ngo muzosangwe mutagira agasembwa, muri abera imbere y’Imana yacu ari yo Data wa twese, aho Umwami wacu Yesu azogarukira azananye n’abera biwe. Amen.


Bene Data, turashaka ko mumenya ibizoba ku basinziriye itiro ry’urupfu (abitavye Imana), kugira ntimwicwe n’umubabaro nk’abadafise ivyizigiro.


Hanyuma, natwe abazoba bakiriho, tuzoca tuduganwa mu bicu, dusanganire Umwami mu kirere. Ni ho tuzoca tubana n’Umwami ibihe bitazoshira.


Bene Data, ku bijanye n’ukugaruka kw’Umwami wacu Yesu Kristo hamwe n’ingene tuzomusanganira tukabana na we,


Ndi Uwuriho; nari narapfuye none ndi muzima ibihe vyose. Kandi mfise urupfunguruzo rw’urupfu na kuzimu.


Hanyuma nca numva ijwi rivuye mw’ijuru rimbwira riti: “Andika ibi bikurikira: uhereye ubu, hahiriwe abapfa bapfira mu Mwami.” Mpwemu aravuga ati: “Egome, bazoruhuka imiruho barushe, kuko ibikorwa vyabo bizobaherekeza.”


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ