Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Tesalonike 4:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Bene Data, turashaka ko mumenya ibizoba ku basinziriye itiro ry’urupfu (abitavye Imana), kugira ntimwicwe n’umubabaro nk’abadafise ivyizigiro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Ariko bene Data, ntitugomba ko muyoberwa ivy’ abasinzira itiro ry’urupfu, ngo ntimubabare nka ba bandi badafise ivyizigiro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Tesalonike 4:13
35 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

imva ziruguruka kandi imibiri myinshi y’abera irazuka.


Marita aramwishura ati: “Ndazi ko azozuka ku musi wa nyuma.”


Dawidi amaze gukora ivyo Imana igomba mu gihe ciwe, yarasinziriye, ahambwa hamwe na ba sekuruza, umubiri wiwe urabora.


Aca agwa apfukamye, asemerera ati: “Mwami, ntubaharureko iki caha.” Ahejeje kuvuga ivyo, aca aracikana.


Abantu bubaha Imana baraza bahamba Sitefano, baramugandarira cane.


Bene Data, nshaka ko mumenya ko nagerageje kenshi kuza kubaramutsa, ariko ko bitarankundira kugeza ubu. Ngomba gukorana namwe kugira ngo ndonke ivyamwa vyo mu buryo bw’impwemu, nk’uko maze kubibona mu bandi Banyamahanga.


Bene Data, singomba ko mwibagira ko ba sogokuruza mu bugaragwa bagendera musi y’igicu, kandi ko bose bajabutse baciye mu kiyaga.


Bene Data, ibijanye n’ingabire za Mpwemu Yera, nshaka ko mubitahuzwa neza.


Inyuma yaho yiyerekera rimwe bene Data barenga amajana atanu, kandi n’aho benshi muri bo bamaze gupfa, bamwe muri bo baracariho.


Bene Data, twibaza ko mukwiye kumenya imibabaro twabayemwo muri Aziya. Twaciye mu makuba arengeye ayo twashobora kwihanganira, dutakaza ivyizigiro, gushika aho twibaza ko tutorokotse.


Mwibuke ko ico gihe mwari mutandukanijwe na Kristo, mutagira ubwenegihugu muri Isirayeli kandi ata co mwiteze ku masezerano Imana yasezeranye, mutagira ivyizigiro kandi mutagira Imana mw’isi.


Natwe kera twigenza nka bo, twakurikira ivy’imibiri yacu yipfuza, tugakora ivyo iyi mibiri n’imitima vyacu bishaka. Kandi muri kamere muntu kacu twari abo gucibwa urubanza n’Imana nk’abandi bose.


Uko twizera ko Yesu yapfuye hanyuma akazuka, ni ko twizera ko Imana imugarukanye azoza azananye n’abasinziriye muri we.


Dufatiye kw’Ijambo Umwami yivugiye, turababwiye ko natwe abazoba bakiri bazima, dusigaye gushika ku kugaruka kw’Umwami, tutazotanga abamaze gupfa kumusanganira.


Yaradupfiriye kugira ngo ni yaza, twoba twarapfuye canke twoba tukiriho, tuzobane na we ibihe vyose.


Ni co gituma tudakwiye kwifata nk’abandi basinziriye. Twame turi maso, twirinde akaborerwe.


Bazoba bavuga bati: “Ukwo ‘kugaruka’ yasezeranye kuri he? Kuva aho ba sogokuruza bapfiriye, vyose bihora uko vyamye ubwa mbere isi ikiremwa.”


Ariko ntimwibagire iki kimwe, bakundwa: Ku Mwami umusi umwe ni nk’imyaka igihumbi, n’imyaka igihumbi ni nk’umusi umwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ