Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Tesalonike 3:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Kumenya ko muhagaze mutanyiganyiga mu Mwami bisubiza intege mu buzima bwacu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Kuko none turiho, asangwa muhagaze mu Mwami.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Tesalonike 3:8
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nimugume muri jewe, nanje ngume muri mwebwe. Nk’uko ishami ridashobora kwama riri ukwaryo, kiretse rigumye ku muzabibu, ni ko namwe mudashobora kwama mutagumye muri jewe.


Nimwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebwe, muze musabe ico mushaka cose, kandi muzogihabwa.


Nuko Yesu abwira Abayuda bari bamwizeye ati: “Ikizokwerekana ko muri abigishwa banje vy’ukuri ni ugushira mu ngiro inyigisho zanje.


Ashitseyo akibonerako ubuntu bw’Imana bwabaye kuri bo, aranezerwa cane, yongera arabinginga bose ngo bashishikare gukurikira Umwami n’imitima yabo yose.


None bene Data nkunda, mushikame ntihagire ikibanyiganyiza. Mwihebere ibikorwa vy’Umwami kuko muzi neza ko ibikorwa vyanyu atari impfagusa mu Mwami.


Mube maso, mushikame mu kwizera, mube abagabo, mugire umwete, mugire umutima rugabo.


Kristo yatubohoye kugira ngo aduhe umwidegemvyo. Hagarara mushikamye rero, ntimwongere kwemera umuntu n’umwe asubira kubaremereza imitwaro y’ubuja bw’ivyagezwe.


kugira ngo Kristo abe mu mitima yanyu biciye mu kumwizera. Kandi ndasenga kugira ngo mwebwe, mumaze gushingwa neza mu rukundo rwiwe,


Kuko kuri jewe, ubuzima ni Kristo, gupfa na kwo ni inyungu.


Muri vyose, mugire ingeso zijanye n’Ubutumwa Bwiza bwa Kristo kugira ngo, nshoboye kuza tukongera tukabonana canke bidashobotse, nzokwumve ko mushikamye kandi muri umwe mu Mpwemu, mufise umutima umwe, mugwanira ukwizera kuva ku Butumwa Bwiza.


None rero, bene Data, abo nkunda kandi nipfuza cane kubona, mwebwe munezero wanje n’igitsibo canje, muhagarare mushikamye mu Mwami Yesu, bakunzi banje.


nimba vy’ukuri mwagumye mu kwizera, mushinzwe neza kandi mutanyiganyiga mu vyizigiro vyanyu biva mu Butumwa Bwiza. Ubwo ni bwo mwumvise kandi bwavuzwe mu vyaremwe vyose biri musi y’ijuru. Ubwo ni bwo jewe, Pawulo, nabereye umukozi.


None rero bene Data, mu mibabaro n’ihamwa vyacu, turaremeshwa n’ukwo kwizera kwanyu.


Muze twumire ku vyizigiro twatura tutanyiganyiga, kuko Imana yasezeranye ni iyo kwizigirwa.


Kuko twahindutse abafatanije na Kristo, nimba vy’ukuri tuzigamye, gushitsa kw’iherezo, ivyizigiro bishikamye nk’ivyo twatanguranye.


Ko dufise Umuherezi Mukuru akomeye, ari we Yesu Umwana w’Imana, yashitse mw’ijuru imbere y’Imana, muze tugumye cane ivyo twizeye.


Kandi Imana nyene ubuntu, yabahamagariye ubwiza bwayo muri Yesu Kristo, mumaze kubabazwa igihe gito, izobiyegereza ibakomeze, ibaremeshe.


Nuko rero, bakundwa, ko musanzwe mubizi, mwame mugavye kugira ngo ntimuzimizwe n’inyigisho mbi z’abantu b’abagarariji ngo munyiganyige muve mu kibanza canyu.


Ehe ndaza vuba. Wumire ku co ufise kugira ngo ntihagire uwugutwara impera yawe.


Wibuke inyigisho wumvise ukazakira. Uzigendere wongere wihane. Niyo utakanguka nzoza nk’igisuma, kandi ntuzomenya igihe nzokugendera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ