Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Tesalonike 3:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ubu rero Timoteyo aherutse kugaruka avuye iwanyu, kandi yatuzaniye inkuru nziza y’ukwizera n’urukundo vyanyu. Yatubwiye ko mugira umunezero iyo mutwibutse, kandi ko mwipfuza gusubira kutubona nk’uko natwe twipfuza gusubira kubabona.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ariko none Timoteyo arashitse, avuye i wanyu, atuzaniye inkuru nziza y’ukwizera kwanyu n’urukundo rwanyu, kandi yuko mutwibuka neza imisi yose, mudukumbura mugomba kubonana natwe, nk’uko natwe tubakumbura.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Tesalonike 3:6
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Pawulo ashika i Derube, hanyuma aja i Lusitira, aho umwigishwa yitwa Timoteyo yaba. Nyina yari Umuyudakazi yizera, ariko se yari Umugiriki.


Inyuma y’ivyo Pawulo aca ava muri Atenayi aja i Korinto.


Silasi na Timoteyo bashitse i Korinto bavuye i Makedoniya, Pawulo aca ahebera umwanya wiwe wose igikorwa co kuvuga Ubutumwa Bwiza, ashingira intahe Abayuda ko Yesu ari we Kristo.


Ndabashimira cane ko munyibuka mu vyo mukora vyose, kandi mukaba mwarumiye ku nyigisho zanje nk’uko nazibahaye.


None rero hari ibintu bitatu bizokwamaho: ukwizera, ivyizigiro n’urukundo. Ariko igikuru muri vyose ni urukundo.


Kuko muri Kristo Yesu, ugukebwa canke ukudakebwa nta kimazi bifise. Igihambaye ni ukwizera gukorera mu rukundo.


Imana ni yo yomenya ingene ndabakunda n’ingene nipfuza kubabona n’umutima w’inkumbu ziva kuri Kristo Yesu.


kuko twumvise ukwizera Kristo Yesu kwanyu n’urukundo mufitiye abera b’Imana bose.


Jewe Pawulo, ndabandikiye ndabatasha n’ukuboko kwanje. Ubuntu bw’Imana bubane namwe.


Iyo tubasengera ku Mana ari yo Data, twama twibuka ibikorwa vyanyu biva ku kwizera, ibikorwa vyanyu bisunitswe n’urukundo, hamwe rero n’ukwihangana kuva mu vyizigiro mufise mu Mwami wacu Yesu Kristo.


Ariko bene Data, tumaze gutandukana vy’akanya gato (ku bw’imibiri atari ku bw’imitima), twakoze uko dushoboye kwose kugira ngo tugaruke kubagendera kuko twari tubakumbuye cane.


Nta nkeka, bene Data, ko mwibuka uburuhe n’ukubabazwa vyacu; ingene twakora ijoro n’umurango kugira ngo ntihagire umuntu n’umwe turemera igihe twariko tubabwira Ubutumwa Bwiza bw’Imana.


None rero bene Data, mu mibabaro n’ihamwa vyacu, turaremeshwa n’ukwo kwizera kwanyu.


Bene Data, birabereye ko dushima Imana ku bwanyu, kuko ukwizera kwanyu kubandanya gukomera, kandi n’urukundo mugiriranira hagati yanyu na rwo rukaba ruguma rugwira.


Intumbero y’inyigisho ni ukugira ngo abizera buzure urukundo ruva mu mitima itunganye, itarimwo ijwi ribagiriza ikibi, bafise ukwizera nyakwo.


Ndashima Imana nkorera n’umutima wanje wose nk’uko ba sogokuruza bayikorera. Nama nkwibuka iyo nsenga ijoro n’umutaga.


kuko numvise ukwizera Umwami Yesu kuri muri wewe, n’urukundo ufitiye abizera bose.


Mwibuke abari mu mabohero, nk’aho mwoba muri kumwe na bo mw’ibohero. Mwibuke abababazwa nk’aho namwe mwumva ububabare bwabo mu mibiri yanyu.


Mwibuke abarongozi banyu, babigishije ijambo ry’Imana. Murabe ivyiza vyavuye mu buzima bwabo hanyuma mwigane ukwizera kwabo.


Ibwirizwa ryayo ni iri: ko twizera izina ry’Umwana wayo, Yesu Kristo, kandi tugakundana nk’uko yadutegetse.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ