Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Tesalonike 3:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Ni co gituma rero, kuko ntari ngishoboye kuvyihanganira, naciye ndungika Timoteyo kugira ngo nshobore kumenya ko ukwizera kwanyu kwoba kugikomeye. Nari mfise ubwoba ko wa mugeragezi yoba yarabagerageje, maze igikorwa cacu muri mwebwe kikaba cabaye impfagusa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Nanje ni co catumye ntuma iyo, bitakinkundiye kwihangana, kugira ngo mmenye ukwizera kwanyu, nikenga ko wa musukanyi yoba yarabasutse, natwe tukaba twaratamijwe n’ubusa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Tesalonike 3:5
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umugeragezi aca aramwegera, amubwira ati: “Niwaba uri Umwana w’Imana, bwira aya mabuye ahinduke imikate.”


Haheze igihe, Pawulo abarira Baranaba ati: “Ingo dusubire mu bisagara twigishijemwo Ijambo ry’Imana, turabe ingene bene Data bifashe.”


Ntihakagire uwiyima uwundi, kiretse mwumvikanye kwihangana igihe gito, kugira ngo mufate umwanya wo gusenga. Hanyuma mukwiye gusubira kwegerana kugira ngo Satani ntaronke aho abaca ngo abageragereshe ukubura ukwihangana kwanyu.


kugira ngo Satani ntaronke aho adufatira, kuko turazi ivyo yiyumvira.


None rero ko dukorana n’Imana, turabinginga ngo ntimupfishe ubusa ubuntu bw’Imana.


Nagiyeyo kubera ko Imana yari yampishuriye ko nkwiye kujayo. Nshitseyo, nabonanye mu mwiherero na bamwe mu barongozi b’ishengero b’imbere, ndabamenyesha Ubutumwa nigisha mu Banyamahanga. Nashaka kumenya neza ko igikorwa nakoze muri kahise n’ico ndiko ndakora ubu bitari ivy’ubusa.


Ndatinya ko kumbure ivyo nakoze vyose muri mwebwe vyapfuye ubusa.


Aho rero ni ho tutazosubira kumera nk’inzoya, ngo dukubebwe tujanwa hirya no hino n’imipfunda, twongera tuzungagizwa n’umuyaga uwo ari wo wose w’inyigisho z’ibinyoma n’amayeri vy’abantu bazimiza.


Mugumye cane ijambo ritanga ubugingo, ni ho nzoronka ico nirata ku musi w’ukugaruka kwa Kristo, kuko ntazoba nirukiye ubusa, kandi igikorwa canje ntikizoba cabaye impfagusa.


Umwami Yesu niyabikunda, nzobarungikira Timoteyo, kugira ngo nanje nzoterwe intege igihe nzokwumva amakuru yanyu.


Bene Data, murazi neza ko ukubagendera kwacu kutabaye impfagusa.


Ubu rero Timoteyo aherutse kugaruka avuye iwanyu, kandi yatuzaniye inkuru nziza y’ukwizera n’urukundo vyanyu. Yatubwiye ko mugira umunezero iyo mutwibutse, kandi ko mwipfuza gusubira kutubona nk’uko natwe twipfuza gusubira kubabona.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ