Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Tesalonike 3:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Kandi dusenga ngo Imana yongerereze kandi isesekaze urukundo mugiriranira muri mwebwe, n’abandi bose, nk’uko urwacu rumeze kuri mwebwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Namwe Umwami wacu abagwirize, abasagirize urukundo mukundana, no gukunda abandi bose, nk’uko natwe tumeze kuri mwebge:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Tesalonike 3:12
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Irya kabiri na ryo risa n’iryo: ‘Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.’


Nuko rero, ivyo mugomba ko abantu babagirira, abe ari vyo namwe mubagirira, kuko ivyo ari vyo ivyagezwe hamwe n’ivy’abavugishwa n’Imana vyigisha.


Intumwa zibwira Umwami Yesu ziti: “Mwigisha, twongerereze ukwizera.”


Ntihagire umwenda mugirira umuntu n’umwe, kiretse uwo gukundana, kuko uwukunda abandi, aba ashikije ivyagezwe.


None rero uwuha imbuto umurimyi akamuha n’ivyokurya, azobuzuriza imbuto mu bigega, yongere agwize umwimbu w’ukugororoka kwanyu.


Ariko ivyamwa vya Mpwemu Yera ni ibi: urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, ingeso nziza, kugira neza, ubwizigirwa,


Kuko muri Kristo Yesu, ugukebwa canke ukudakebwa nta kimazi bifise. Igihambaye ni ukwizera gukorera mu rukundo.


Ico nsengera ni uko urukundo rwanyu rworushiriza kugwira, kandi mugakomeza kwunguka ubwenge n’ugutahura,


Twarabakunze cane bituma tutababwira Ubutumwa Bwiza bw’Imana gusa, ahubwo twabahaye n’ubuzima bwacu na bwo.


Bene Data, twarababwiye uko mukwiye kwigenza kugira ngo munezereze Imana, kanatsinda ni ko mubayeho. Ubu naho turabasaba tubinginga mw’izina ry’Umwami Yesu ngo murushirize.


Mwirinde ntihagire uwusubiza inabi mugenziwe, ariko mugiriranire ubugwaneza muri mwebwe no ku bandi.


Bene Data, birabereye ko dushima Imana ku bwanyu, kuko ukwizera kwanyu kubandanya gukomera, kandi n’urukundo mugiriranira hagati yanyu na rwo rukaba ruguma rugwira.


Ingabire yose nziza kandi itunganye iva ku Mana Data, yaremye umuco wose wo mw’ijuru, kandi muri we ntihigera habaho guhindagurika kurya kw’igitutu.


ku kwubaha Imana mwongereko kugiriranira igishika; ku kugiriranira igishika mukwongereko urukundo.


Ariko mukurire mu buntu no mu kumenya neza Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo. Icubahiro kibe iciwe uhereye ubu n’ibihe bidashira! Amen.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ