Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Tesalonike 3:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Imana yo nyene ari yo Data, n’Umwami wacu Yesu Kristo, baducire inzira kugira ngo dushobore kuzobagendera vuba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Non’ Imana yacu ubgayo, ni yo Data wa twese, n’Umwami wacu Yesu, agorore inzira yacu yo kuza iyo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Tesalonike 3:11
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko nimwaharira abantu ibibi babakoreye, na So wo mw’ijuru azobaharira namwe.


kugira ngo ntiwereke abantu ko wisonzesheje; ahubwo uvyereke So ari ahihishije; maze So, we abona ibikorerwa mw’ibanga, azobiguhembera.


Nimwitegereze inyoni zo mu kirere: ntizibiba, ntizimbura kandi nta co zegeraniriza mu bigega; ariko So wo mw’ijuru arazigaburira! None mwebwe ntimuziruta cane?


Ivyo ni vyo abatizera Imana birukira ubudahumeka; ariko mweho So wo mw’ijuru arazi ko ivyo vyose mubikeneye.


Gutyo, gutanga kwawe kugume ari ibanga, kandi So wo mw’ijuru abona ibikorerwa mw’ibanga, azobiguhembera.


Ariko, wewe ugomvye gusenga, winjire mu cumba cawe, wugare umuryango, hanyuma usenge. So wo mw’ijuru, we abona ivyo mw’ibanga, azobiguhembera.


“Ni ijwi ry’uwusemerera mu bugaragwa, ati: ‘Nimutegurire Uhoraho aho aca, mugorore inzira agenderamwo.’ ”


Kuko n’abantu bo mu mahanga yose yo kw’isi na bo ivyo ni vyo birukira ubudahumeka, ariko mweho So wo mw’ijuru arazi ko ivyo vyose mubikeneye.


Yewe busho buto, ntutinye kuko So wo mw’ijuru bimuhimbara kuguha Ubwami.


Yesu aramubwira ati: “Ntumfatire, kuko ntaraja kwa Data. Ahubwo genda ubwire bene Data ko mvuze nti: ‘Ngiye kuduga kwa Data ari we So, Imana yanje ari yo Mana yanyu.’ ”


Ubwo Butumwa Bwiza bwerekeye Umwana wayo: mu buryo bw’umubiri yakomotse mu ruvyaro rw’umwami Dawidi,


Kandi, “Nzobabera So, namwe muzombera abahungu n’abakobwa, ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.”


Uwo Kristo ni we yatanze ubugingo bwiwe ku bw’ivyaha vyacu, nk’uko Imana Data wa twese yari yarabigomvye, kugira ngo adukize iki gihe kibi turimwo.


Turabandikiye mwebwe abera b’Imana bo mu gisagara c’i Kolosayi, bene Data b’abizigirwa muri Kristo: Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese bibe muri mwebwe.


Imana ikomeze imitima yanyu kugira ngo muzosangwe mutagira agasembwa, muri abera imbere y’Imana yacu ari yo Data wa twese, aho Umwami wacu Yesu azogarukira azananye n’abera biwe. Amen.


Kuko, Umwami wacu ubwiwe azomanuka avuye mw’ijuru, azotegeka n’ijwi rirenga, hamwe n’akamo k’umumarayika mukuru n’uguhamagara kw’inzamba y’Imana, maze abapfiriye muri Kristo bazoca bazuka ubwa mbere.


Imana yo nyene, yo Mana y’amahoro, ibandanye ibeza; kandi impwemu, imishaha n’imibiri vyanyu bizosangwe bitagira agasembwa ku musi w’ukuza kw’Umwami wacu Yesu Kristo.


Umwami wacu Yesu Kristo we nyene, n’Imana Data wa twese yadukunze, kandi hamwe n’ubuntu bwayo baduhe ukuremeshwa kw’ibihe bidashira n’ivyizigiro vyiza,


Umwami w’amahoro we ubwiwe abahe amahoro ibihe vyose no mu buryo bwose. Umwami abane namwe.


Umwami arongorere imitima yanyu mu rukundo rw’Imana no mu kwihangana kuva kuri Kristo.


Nimurabe urukundo Data yadukunze kugeza aho atwita abana biwe! Kandi koko turi bo! Igituma ab’isi batazi ko turi abana n’Imana ni uko batayimenye.


Nca numva ijwi rirenga rivuye kuri ya ntebe y’inganji, rivuga riti: “Ehe raba inzu y’Imana iri mu bantu, kandi izobana na bo. Bazoba abantu bayo, kandi Imana ubwayo izobana na bo, ibe Imana yabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ