Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Tesalonike 2:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Bene Data, namwe mwabaye nk’amashengero y’Imana muri Kristo Yesu ari i Yudaya: mwahamwe n’ab’iwanyu nk’uko ayo mashengero na yo yahamwe n’Abayuda,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Namwe bene Data, mwīgānye amashengero y’Imana y’i Yudaya, ari muri Kristo Yesu, kukw ivyo mwābabajwe n’ubgoko bganyu ari bimwe n’ivy’ abo bābabajwe n’Abayuda,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Tesalonike 2:14
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko abari barasabagiye kubera ihamwa ryari ryatanguranye n’urupfu rwa Sitefano baragenda gushika i Foyinika, i Kupuro n’i Antiyokiya, babwira ijambo ry’Imana Abayuda bonyene.


Ariko Abayuda bosha abagore b’icubahiro bubaha Imana, hamwe n’abagabo baganza igisagara, batangura guhama Pawulo na Baranaba, babirukana muri iyo ntara.


Maze haca haza Abayuda bari bavuye i Antiyokiya no muri Ikoniyo, bosha abari aho bose, batera amabuye Pawulo, bamukwegera inyuma y’igisagara bibwira ko yapfuye.


Ariko Abayuda banse kwizera bagumura abandi Banyamahanga babatera kwanka abizera.


Maze abantu bo muri ico gisagara bicamwo imigwi, bamwe begamira Abayuda, abandi begamira intumwa.


Mu nyuma, Abayuda n’Abanyamahanga bamwe, bari kumwe n’abatware babo, baja inama yo kugirira nabi intumwa no kuzicisha amabuye.


Maze Abayuda b’i Tesalonike bumvise ko Pawulo ariko yigisha ijambo ry’Imana i Beroya, baca bajayo, bosha abantu gutera imigumuko.


Igihe Galiyo yatwarira Kayisari muri Akaya, Abayuda bahuje umutima n’inama kugwanya Pawulo, bamutwara ku bacamanza


Na Sawuli ni ho yari ari, kandi yari ashigikiye ko Sitefano yicwa. Uwo musi haca haduka ihamwa rikomeye kw’ishengero ry’i Yerusalemu, maze abigishwa bose, kiretse intumwa, basanzarira i Yudaya n’i Samariya.


Ariko Sawuli we agerageza gusambura ishengero; yinjira mu nzu ku yindi agafata abagabo n’abagore bizera, akabata mw’ibohero.


Ico gihe Sawuli yari acuzuye inzigo, ahiga kwica abigishwa b’Umwami Yesu. Nuko aja ku muherezi mukuru,


Ananiya arishura ati: “Mwami, narumvise benshi bavuga ivy’uwo muntu n’amabi yakoreye abera bawe i Yerusalemu.


Mu nyuma ishengero ry’i Yudaya, i Galilaya n’i Samariya rigira amahoro, rirakomera, rigendera mu kwubaha Umwami Imana, ryongera riragwira ryiruwe na Mpwemu Yera.


Ntihakagire uwo mutsitaza, yaba Umuyuda canke Umugiriki, canke abo mw’ishengero ry’Imana.


Ariko rero umuntu wese akwiye kubandanya abaho ubuzima Umwami yamuhitiyemwo, no kuguma uko yari ari imbere y’uko Imana imuhamagara. Iri ni ryo tegeko ntanga mu mashengero yose.


Amashengero ya Kristo y’i Yudaya ntiyari anzi.


Twebwe Pawulo, Silasi na Timoteyo, Turabandikiye, mwebwe abo mw’ishengero ry’i Tesalonike bari mu Mana Data no mu Mwami Yesu Kristo: Ubuntu n’amahoro bibane namwe.


Mwaratwiganye mwongera mwigana Umwami, kuko mwakiriye Ubutumwa n’umunezero uva kuri Mpwemu Yera, naho mwari mu mibabaro myinshi.


N’igihe twari kumwe namwe, twamye tubaburira ko dushobora guhamwa, kandi vyabaye ukwo nyene nk’uko na mwebwe mubizi neza.


Twebwe Pawulo, Silasi na Timoteyo, Turabandikiye mwebwe ishengero ry’i Tesalonike riri mu Mana Data no mu Mwami Yesu Kristo:


Ni co gituma mu yandi mashengero y’Imana yose twama turiko twirata mwebwe, tubabwira ivy’ukwihangana kwanyu n’ukwizera kwanyu muri mw’ihamwa hamwe n’ibindi bigeragezo muriko muracamwo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ