Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Tesalonike 2:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Turashima Imana kandi ko igihe mwakira ijambo ry’Imana mwatwumvanye, mutaryakiriye nk’amajambo asanzwe y’abantu, ariko mwaryakiriye nk’ijambo ry’Imana, nk’uko riri koko. Kandi iryo Jambo ni ryo ribandanya gukorera muri mwebwe abizera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Natwe igituma dushima Imana ubudasība, n’uko hamwe mwākīra ijambo ry’ubutumwa mwatwumvanye, ni ryo ry’Imana, mutāryemeye nk’ijambo ry’abantu, ariko nk’ijambo ry’Imana, nk’uko riri koko, rikorera muri mwebge abizera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Tesalonike 2:13
41 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kuko mutazovuga ivyo mwigeneye, ariko muzovuga ivyo muhawe na Mpwemu wa So azoba abavugiramwo.


Umuntu wese abakiriye aba anyakiriye, kandi unyakiriye azoba yakiriye uwantumye.


Yesu aramwishura ati: “Ahubwo hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarishira mu ngiro.”


Umusi umwe Yesu yari ku nkengera y’ikiyaga c’i Genezareti, akikujwe n’isinzi ry’abantu bariko bumviriza ijambo ry’Imana.


Iyi ni yo nsiguro y’uwu mugani: imbuto ni ijambo ry’Imana.


Yesu amwishura ati: “Mama na bene mama ni abo bumva ijambo ry’Imana bakaryumvira.”


Mwebwe muramaze gutungana kubera ijambo nababwiye.


Ku bwabo ndiyeza, kugira ngo na bo bezwe mu kuri.


Ni ko guca ndagutumako ubwo nyene, kandi wagize neza kuza. None rero ubu twese turi hano imbere y’Imana kugira ngo twumve ivyo Imana yagutumye kutubwira vyose.”


Abanyamahanga bavyumvise baranezerwa cane, bahimbaza Ijambo ry’Umwami Imana; abari baratoranirijwe ubugingo budashira, barizera.


Umwe mu bariko baratwumviriza yitwa Lidiya, yava i Tuwatira, akaba yari umudandaza w’impuzu z’agaciro kandi yubaha Imana. Nuko Umwami Imana yugurura umutima wiwe, yakira Ubutumwa Pawulo yariko aravuga.


Abantu b’i Beroya bari bugurutse kurusha ab’i Tesalonike, kuko bakiriye Ubutumwa Bwiza n’ishaka ryinshi, bakama basesangura Ivyanditswe ku musi ku musi, kugira ngo barabe ko ivyo Pawulo abigisha ari ivy’ukuri.


Bumvise ivyo kuzuka kw’abapfuye, bamwe baritwengera, ariko abandi bavuga bati: “Tuzosubira kukwumviriza kuri ivyo ikindi gihe.”


Nuko abizeye ayo majambo ya Petero barabatizwa, abashika ibihumbi bitatu biyongera ku gitigiri c’abizera.


Intumwa zari i Yerusalemu zumvise ko i Samariya abantu bakiriye ijambo ry’Imana, zica zibarungikira Petero na Yohana.


Mu vy’ukuri ukwizera kuzanwa no kwumva Ubutumwa Bwiza, ari ryo jambo rya Kristo.


Natwe abakuweko ico gitambara, tugaragaza ubwiza bw’Umwami wacu, kandi tukaba turiko turahindurwa ngo duse na we, tuva mu bwiza tuja mu bundi, na bwo bukaba buva ku Mwami wacu, na we akaba ari we Mpwemu.


Naho ingwara yanje yari ikigeragezo kuri mwebwe, ntimwigeze munsuzugura canke ngo mungaye. Ariko mwanyakiriye nk’umumarayika w’Imana, canke nk’aho ari Kristo Yesu ubwiwe.


Ubwo Butumwa Bwiza bwabashikiriye ni na bwo buriko burakwiragira kw’isi yose. Buriko burama ivyamwa bwongera bugwira, nk’uko vyagenze no muri mwebwe uhereye igihe mwabwumviye ubwa mbere, mugatahura ubuntu bw’Imana nk’uko bumeze vy’ukuri.


Kuko ijambo ry’Imana ni rizima kandi ryuzuye ubushobozi. Rikarishe kurusha inkota y’ubugi bubiri; ririnjira rigashika aho rigabura umushaha n’impwemu, n’ingingo n’imisokoro. Rishira ahabona ivyipfuzo n’ivyiyumviro vy’umutima w’umuntu.


Ubu butumwa bwiza buvuga ko Imana yateguye aho kuruhukira twabwumvise nk’uko na bo babwumvise. Ariko nta co bwabamariye kuko batabwakiranye ukwizera.


Yahisemwo kutuvyaza ijambo ry’ukuri, kugira ngo tube nk’ivyeze ubwa mbere mu vyo yaremye vyose.


Ubu mwaravutse ubwa kabiri, ntimwavukiye ubuzima bw’akanya gato. Ubuzima bwanyu bushasha ni ubw’ibihe bidashira kuko buva ku mbuto itabora, ari ryo jambo rizima ry’Imana rihoraho.


ariko ijambo ry’Uhoraho ryo rihoraho ibihe vyose.” Kandi iryo jambo ni bwo Butumwa Bwiza mwabwiwe.


Mumere nk’abana bato b’inzoya, mwipfuze kandi murondere kunywa amata y’impwemu atavanze, kugira ngo abakuze mu gakiza,


Ndagomba kubibutsa amajambo yavuzwe kera n’abavugishwa n’Imana bera hamwe n’ibwirizwa ry’Umwami wacu n’Umukiza yabashikirije acishije mu ntumwa zabatumweko.


Kandi umuntu wese afise ibi vyizigiro muri Kristo ariyeza, nk’uko Kristo na we ari uwera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ