Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Tesalonike 2:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Twarabatera intege, tukabaremesha, tukabahimiriza ngo mubeho ubuzima bubereye abantu b’Imana, yo yabahamagariye kuba mu Bwami bwayo n’ubwiza vyayo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 kugira ngo mugende nk’uko bibereye ab’ Imana, ibahamagarira kuja mu bgami bgayo no mu bgiza bgayo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Tesalonike 2:12
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi turazi ko muri vyose Imana ikora ishakira ineza abayikunda, abo yahamagaye nk’uko biri mu mugambi wayo.


Abo yatoranije kera, yarabahamagaye; abo yahamagaye, yabahinduye abagororotsi; abo yahinduye abagororotsi, yabahaye ubwiza.


Imana yabahamagariye kunywana n’Umwana wayo Yesu Kristo Umwami wacu, ni iyo kwizigirwa, izobikora.


Imana yavuze iti: “Ahari umwijima nihabe umuco,” yatumye umuco wayo ukayangana mu mitima yacu kugira ngo turonke ugutahura ivy’ubwiza bw’Imana bukayanganira kuri Yesu Kristo.


Ndababwira nti: Murongorwe na Mpwemu Yera ni ho mutazoshitsa ivyo kamere k’icaha kanyu kipfuza.


Nuko, Jewe nk’imbohe y’Umwami, ndabinginga ngo mubeho ubuzima bubereye ihamagarwa ryanyu mwahamagawe n’Imana.


kandi mugendere mu nzira y’urukundo, nk’uko Kristo yadukunze akitanga ku bwacu ngo abe ubumote bwiza n’ikimazi bihabwa Imana.


Kuko kera mwari mwuzuye umwijima, ariko noneho ubu mufise umuco uva ku Mwami wacu. Nimubeho rero nk’abana b’umuco


Muri vyose, mugire ingeso zijanye n’Ubutumwa Bwiza bwa Kristo kugira ngo, nshoboye kuza tukongera tukabonana canke bidashobotse, nzokwumve ko mushikamye kandi muri umwe mu Mpwemu, mufise umutima umwe, mugwanira ukwizera kuva ku Butumwa Bwiza.


kugira ngo mubeho nk’uko bibereye ab’Umwami Yesu, mwongere mumunezereze muri vyose: mwama ivyamwa mu gikorwa ciza cose kandi mukura mu vyo kumenya Imana.


Nuko rero, nk’uko mwakiriye Kristo Yesu nk’Umwami, abe ari ko mushishikara kuba muri we,


Bene Data, twarababwiye uko mukwiye kwigenza kugira ngo munezereze Imana, kanatsinda ni ko mubayeho. Ubu naho turabasaba tubinginga mw’izina ry’Umwami Yesu ngo murushirize.


Kubaho kwanyu gutyo mu buzima bwa misi yose, bizotuma abo hanze batizera babubaha, kandi mwidegemvye imbere y’umuntu wese.


Iyabahamagaye ni iyo kwizigirwa, no kubishitsa izobishitsa.


Kuri uwo musi, azoba aje guhimbazwa n’abera biwe, gutazirwa n’abazoba baramwizeye bose. Muri bo namwe murimwo, kuko mwizeye intahe twabashingiye.


Kuko Imana ni yo yadukijije, iduhamagarira kubaho ubuzima bwejejwe. Ivyo ntiyabikoze kuko twari tubibereye, ariko ni ku bw’umugambi wayo n’ubuntu bwayo. Ubwo buntu twabuherewe muri Kristo Yesu ibihe bitarabaho,


Ariko mweho muri ubwoko bwatoranijwe, abaherezi b’Umwami, ihanga ryejejwe Imana yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ryayo, yo yabahamagaye ikabakura mu mwijima, ikabazana mu muco wayo utangaje.


Ntimukihorane canke ngo mwishure uwubatutse. Ahubwo mubahezagire kuko ico ari co Imana yabahamagariye gukora ngo namwe muragwe umuhezagiro.


Kandi Imana nyene ubuntu, yabahamagariye ubwiza bwayo muri Yesu Kristo, mumaze kubabazwa igihe gito, izobiyegereza ibakomeze, ibaremeshe.


Ubushobozi bw’ubumana bwiwe bwaduhaye ivyankenerwa vyose kugira ngo tubeho twubaha Imana biciye mu kumenya uwaduhamagaje ubwiza bwiwe n’ukugira neza kwiwe.


Umuntu wese avuga ko aba muri Kristo akwiye kubaho nk’uko na we yabayeho.


Na bo bashingiye intahe urukundo rwawe imbere y’ishengero. Ndakwinginze ubandanye ubashigikira mu vyo bakeneye mu buryo bunezereza Imana,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ