Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Tesalonike 2:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Namwe muri ivyabona hamwe n’Imana, vy’ingene twigenza hagati yanyu, twejejwe, tugororotse kandi turi inyankamugayo rwose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Mwebge mur’ ivyabona hamwe n’Imana vy’ingene twamerera mwebge abizera, tur’ abera, tugororoka, tutarik’ umugayo:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Tesalonike 2:10
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Twebwe twahaniwe ikiri ukuri, kuko turiko twishura ibihwanye n’ivyo twakoze. Ariko uwu we nta kibi na kimwe yakoze.”


Bashitse, arababwira ati: “Murazi ingene nabanye namwe uhereye ku musi wa mbere nashikiye muri Aziya gushika uno musi.


Ni co gituma ndabamenyesha uwu musi ko nera ku maraso yanyu mwese, ko atazomparurwako.


Ni co gituma nkora ibishoboka vyoshe kugira namane umutima utanyagiriza ikibi na kimwe imbere y’Imana n’imbere y’abantu.


Iki ni co twishimira: nk’uko umutima wacu ubishingira intahe, twigenjeje neza mw’isi, na canecane muri mwebwe, mu kwezwa no mu kuri biva ku Mana, turongowe n’ubuntu bw’Imana, atari ubwenge bw’abantu.


Kubera iki mvuze uko? Mbega ni kubera ntabakunda? Haba na mba, n’Imana irabizi.


Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, we akwiye gushimwa ibihe vyose, arazi ko mvuga ukuri.


Ariko twahevye ibiterasoni vyose twakora twinyegeje; ntidukoresha ubugunge, ntitugoramika ijambo ry’Imana. Ahubwo tuvugira ukuri ahabona, kugira ngo abantu bamenye abo turi imbere y’Imana.


Nuko rero kuko tuzi ico ari co kwubaha Umwami, dukora ibishoboka ngo twemeze abantu. Ico turi kiragaragarira Imana, kandi nizera ko namwe kibagaragarira mu mitima yanyu.


Turabinginze ngo mutwugururire imitima yanyu. Nta we twacumuyeko, kandi nta we twazimije, kandi nta we twarondeyeko inyungu.


kuko Ubutumwa Bwiza twabazaniye atari amajambo gusa, ariko bwarimwo ubushobozi, kuko Mpwemu Yera yabahaye ukwemezwa mu mitima ko ivyo twababwira kwari ukuri. Kandi murazi ingene twigenza muri mwebwe ku bwanyu.


Murazi ko tutigeze na rimwe dukoresha amajambo asosa, canke ngo tugerageze kwiyerekana uko tutari, twironderera amaronko. Imana ni yo cabona cacu.


Kuko mwebwe nyene murazi ingene mubwirizwa gukurikira akarorero twabahaye. Ntitwigeze tuba ibinebwe igihe twari kumwe namwe,


Ntihagire uwukugaya kubera ukiri muto, ahubwo ubere akarorero abizera: mu mvugo no mu ngiro, mu rukundo, mu kwizera, no mu kugororoka.


Ariko wewe urazi ivyo nigisha n’ukuntu nigenza, n’igituma nkora ivyo nkora. Urazi ukwizera kwanje n’ukwihangana kwanje, urukundo rwanje n’ugushikama kwanje.


Ntimutwaze umukazo abo bantu mwahawe kurongora, ariko mubere akarorero ubwo busho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ