Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Tesalonike 1:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Ni co gituma mwabaye akarorero ku bandi bizera b’i Makedoniya no muri Akaya hose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 bituma muba icitegererezo c’abizera bose bar’ i Makedoniya no muri Akaya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Tesalonike 1:7
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bashitse, baca baja mu cumba co hejuru, ico bari bamazemwo imisi. Abo bari aba: Petero, Yohana, Yakobo, Andereya, Filipo, Toma, Baruteremi, Matayo, Yakobo mwene Alufayo, Simoni Umuzelote, na Yuda mwene Yakobo.


Tuvuye aho, tuja i Filipi, igisagara gikuru c’i Makedoniya cari carigaruriwe n’Abaroma. Ico gisagara tukimaramwo imisi.


Inyuma y’ivyo Pawulo aca ava muri Atenayi aja i Korinto.


Igihe Galiyo yatwarira Kayisari muri Akaya, Abayuda bahuje umutima n’inama kugwanya Pawulo, bamutwara ku bacamanza


Inyuma y’ivyo, Pawulo, asunitswe na Mpwemu, aca afata ingingo yo kuja i Yerusalemu, aciye i Makedoniya no muri Akaya. Yavuga ati: “Mvuyeyo, ntegerezwa guca nja i Roma.”


Amashengero y’i Makedoniya no muri Akaya yahimbawe no kwegeraniriza imfashanyo abakene bo mu bizera b’i Yerusalemu.


Jewe Pawulo, intumwa ya Kristo Yesu; yabihawe n’ugushaka kw’Imana, hamwe na mwene Data Timoteyo, Turabandikiye mwebwe ishengero ry’Imana ry’i Korinto, hamwe n’abera bose bo muri Akaya:


kuko ndazi inyota mufise yo gufasha. Namye ndavyirata kw’ishengero ry’i Makedoniya, ndababwira ko kuva mu mwaka uheze mwebwe abo muri Akaya mwari mwamaze kuvyitegurira, kandi ishaka ryanyu ni ryo ryatumye benshi bo mw’ishengero ry’i Makedoniya batangura gutanga.


Ijambo ry’Umwami wacu ryarasamiranye riva iwanyu, ntiryashika i Makedoniya no muri Akaya gusa, ahubwo ukwizera Imana kwanyu kwaramenyekanye hose. Ni co gituma tutarinda kugira ico tubabwira ku vy’ukwo kwizera,


Kandi ni ko biri, urwo rukundo mwararwerekanye kuri bene Data bose b’i Makedoniya. Bene Data, turabinginga, ngo murushirizeho kwerekana urukundo nk’urwo.


Ntihagire uwukugaya kubera ukiri muto, ahubwo ubere akarorero abizera: mu mvugo no mu ngiro, mu rukundo, mu kwizera, no mu kugororoka.


Muri vyose ubabere akarorero mu gukora ivyiza. Ivyo wigisha vyose bibonekemwo ubwizigwa no kudafata ibintu minenegwe.


Ntimutwaze umukazo abo bantu mwahawe kurongora, ariko mubere akarorero ubwo busho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ