Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Tesalonike 1:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 kuko Ubutumwa Bwiza twabazaniye atari amajambo gusa, ariko bwarimwo ubushobozi, kuko Mpwemu Yera yabahaye ukwemezwa mu mitima ko ivyo twababwira kwari ukuri. Kandi murazi ingene twigenza muri mwebwe ku bwanyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 kuk’ ubutumwa bgacu butābashitseko ar’ amajambo yonyene ariko bgarimwo n’ubushobozi na Mpwemu Yera, no kumara amazinda rwose; namwe murazi ubugene twari tumeze hagati muri mwebge kubganyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Tesalonike 1:5
60 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma abigishwa baca baja mu mihingo yose bavuga Ubutumwa Bwiza, kandi Umwami Yesu akorana na bo, ashingira intahe Ijambo ryiwe biciye mu bitangaza vyarikurikira.]


Abantu benshi baragerageje kwandika inkuru z’ivyabereye hagati muri twebwe,


Ikiganza c’Umwami Imana cari kuri bo, bituma abantu benshi bizera, bahindukirira Umwami Yesu.


Umwe mu bariko baratwumviriza yitwa Lidiya, yava i Tuwatira, akaba yari umudandaza w’impuzu z’agaciro kandi yubaha Imana. Nuko Umwami Imana yugurura umutima wiwe, yakira Ubutumwa Pawulo yariko aravuga.


None rero, amaze gushika i buryo bw’Imana, yakiriye Mpwemu Yera, uwo Data yari yarasezeranye, hanyuma asuka ivyo muriko murabona kandi mwumva.


Ubutumwa Bwiza ntibuntera isoni, kuko ni ubushobozi bw’Imana buzanira uwizeye wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki.


Imana, yo itanga ivyizigiro, ibuzuze umunezero n’amahoro kuko muyizera, kugira ngo murushirize kwizigira amasezerano yayo mubishobojwe na Mpwemu Yera.


Nuko rero, ubu ni bwo Butumwa Bwiza mvuga: umusi uraje, aho Imana izocira imanza ivyo abantu bagize amabanga yabo, ibicishije kuri Yesu Kristo.


Ariko ku bahamagawe, baba Abayuda canke Abagiriki, Kristo ni ubushobozi n’ubwenge vy’Imana.


Na jewe ngerageza kunezereza bose mu vyo nkora vyose. Simpfa gukora ibimpimbara, ariko nkora ibihimbara abandi kugira benshi bashike ku gakiza.


Mbega ntimuzi ko muri ingoro y’Imana kandi ko Mpwemu w’Imana aba muri mwebwe?


Jewe nabivye imbuto, Apolo na we arazivomera, ariko Imana ni yo yazikujije.


Kuko Ubwami bw’Imana atari amajambo gusa, ahubwo ni ubushobozi.


Ni muri ubwo buryo nyene, Umwami yategetse ko abavuga Ubutumwa Bwiza bazotungwa n’ubwo Butumwa nyene.


Ni yo yatugize abakozi b’isezerano rishasha, isezerano ritavuye ku vyagezwe ariko rivuye kuri Mpwemu; kuko ivyagezwe birica ariko Mpwemu atanga ubugingo.


Nagiyeyo kubera ko Imana yari yampishuriye ko nkwiye kujayo. Nshitseyo, nabonanye mu mwiherero na bamwe mu barongozi b’ishengero b’imbere, ndabamenyesha Ubutumwa nigisha mu Banyamahanga. Nashaka kumenya neza ko igikorwa nakoze muri kahise n’ico ndiko ndakora ubu bitari ivy’ubusa.


Ariko twebwe turi muri Mpwemu twiteganye igishika kwakira mu kwizera ukugororoka Imana yadusezeraniye.


Kuko turi ibiremwa vy’Imana, yaturemye gusha muri Kristo Yesu kugira ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo yari yaraduteguriye gukora kuva kera.


Nuko rero iyishobora gukora ibirengeye cane ivyo dusaba canke twiyumvira, nk’uko ubushobozi bwayo bukorera muri twebwe buri,


kuko Imana ari yo ikorera muri mwebwe, ikabaha ugushaka no gukora ivyo igomba.


Ivyo mwigishijwe canke mwanyumvanye, canke ivyo mwambonyeko, mubishire mu ngiro. Imana y’amahoro izobana namwe.


Intumbero yanje ni uko bose baremeshwa mu mutima bari n’ubumwe buva mu rukundo, kugira ngo bagire ubutunzi bwuzuye bwo gutahura gushitse, kugira ngo bamenye iryo banga ry’Imana, ari ryo Kristo.


Turashima Imana kandi ko igihe mwakira ijambo ry’Imana mwatwumvanye, mutaryakiriye nk’amajambo asanzwe y’abantu, ariko mwaryakiriye nk’ijambo ry’Imana, nk’uko riri koko. Kandi iryo Jambo ni ryo ribandanya gukorera muri mwebwe abizera.


Yabahamagariye agakiza biciye mu Butumwa Bwiza twababwiye, kugira ngo muzosangire ubwiza n’Umwami wacu Yesu Kristo.


Ni co gituma nihanganira vyose ku bw’abatoranijwe, kugira ngo na bo baronke agakiza kari muri Kristo Yesu, hamwe n’ubwiza butazoshira.


Wame wibuka Yesu Kristo yazutse mu bapfuye, yavuye mu muryango wa Dawidi, nk’uko Ubutumwa nahawe buvuga. Ubwo ni bwo mbabarizwa,


muze twegere aho Imana iri dufise imitima irimwo ukuri kandi tuyizeye ata gukekeranya, imitima yacu yogejwe igakurwamwo ibiyagiriza, n’imibiri yacu yogeshejwe amazi meza.


Ico twipfuza n’uko mubandanya mwerekana uwo mwete gushika kw’iherezo, kugira ngo ivyo mwiteze mudakekeranya bize bishike.


Imana yabahishuriye ko ivyo bavugishwa bitari biberekeye, ahubwo ko vyari vyerekeye mwebwe. Ubwo butumwa namwe mwarabubwiwe n’ababuvuga basunitswe na Mpwemu Yera yarungitswe avuye mw’ijuru. Ivyo ni igitangaza kuko n’abamarayika baripfuza kubibona bishika.


Amashimwe yose abe ay’Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, kuko ku bw’imbabazi zayo nyinshi, yaduhaye kuvuka ubwa kabiri, mu kuzura Yesu Kristo mu bapfuye. Ubu dufise ivyizigiro bizima


Ntimutwaze umukazo abo bantu mwahawe kurongora, ariko mubere akarorero ubwo busho.


Nuko rero bene Data, murushirizeho kugira ishaka ryo gukomeza ihamagarwa ryanyu no gutoranywa kwanyu. Kuko nimwakora ivyo, ntimuzokwigera mutsitara,


Kandi dufise n’ijambo ry’ubuvugishwa rirushaho kuba iryo kwizerwa. Namwe muzoba mugize neza nimwaryumvira kuko rimeze kurya kw’itara rimurikira ahantu hari umwijima, gushika umutwenzi ubonetse, aho inyenyeri yo mu gaturuturu izoserukira mu mitima yanyu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ