Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Petero 5:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Rwaruka, namwe mwubahe uburongozi bw’ishengero. Kandi umwe wese muri mwebwe yicishe bugufi imbere ya mugenziwe kuko, “Imana igwanya abibona ariko igirira ubuntu abicisha bugufi.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Namwe bukungu, mugamburukire abashingantahe. Mwese mukenyere ukwicisha bugufi kugira ngo mukorerane: kukw Imana irwanya abībona, arikw abicisha bugufi ikabaha ubuntu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Petero 5:5
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko ntimukabe nka bo. Ahubwo uwibaza ko ari mukuru muri mwebwe namere nka mutoya muri mwebwe, kandi umukuru amere nk’umukozi wanyu.


Urukundo rwanyu rurangwe no kugiriranira igishika nk’abavukana, kandi umuntu wese anezerezwe no gushira imbere mugenziwe.


Ahubwo, murondere gusa n’Umwami Yesu Kristo, aho kwitaho imibiri yanyu ngo mushitse ivyo yipfuza.


Umwe wese agamburukire mugenziwe abitewe no kwubaha Kristo.


Ntihakagire ico mukora musunitswe n’ukwikunda canke n’ukwishira hejuru, ariko mu kwicisha bugufi, mushire abandi imbere.


Nuko rero nk’abatoranijwe n’Imana, bera kandi bakundwa cane, mwambare umutima w’ikigongwe, ubugwaneza, guca bugufi, ubwitonzi no kwihangana.


Ntugakankamire umutama, ariko umuhanure umwubashe nk’aho yoba ari so. Abakiri bato ubafate nka benewanyu,


Mugamburukire abarongozi banyu kandi mukore ivyo babategeka, kuko barinda imitima yanyu, kandi bazobibazwa n’Imana. Muborohereze kugira ngo babikorane umunezero, ata mubabaro, kuko ivyo nta ciza vyobazanira.


Ariko ubuntu iduha burarengeye. Ni co gituma Ivyanditswe bivuga ngo: “Imana igwanya abibona ariko ikagirira ubuntu abaciye bugufi.”


Mu kurangiza, mwese nimuhuze umutima n’inama, mubabarane, mukundane nk’abavukana. Mugire umutima mwiza kandi umuntu wese yicishe bugufi imbere ya mugenziwe.


Nuko rero, ko Kristo yababajwe mu mubiri, namwe mwamane uwo mutima, igihe cose mwame mwiteguriye kubabazwa nk’uko yababajwe. Kuko uwumaze kubabazwa mu mubiri ahorwa Kristo aba atakiganzwa n’icaha.


Ariko mwibuke ko bazorenguka imbere y’intebe y’imanza y’Imana kugira ngo babazwe ivyo bakoze vyose, igihe izocira urubanza abantu bose, abazoba bakiriho n’abazoba barapfuye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ