13 None ni nde azobagirira nabi mu gihe mufise ishaka ryo gukora ivyiza?
13 Kandi ni nde yobagirira nabi, ni mwagira ishaka ry’ivyiza?
Kuko abatware ntibateye ubwoba ku bakora ibibereye, ahubwo bateye ubwoba ku bakora ibibi. Woba ugomba kutagira ubwoba imbere y’abategetsi? Kora ibibereye bazogushimira.
Kandi turazi ko muri vyose Imana ikora ishakira ineza abayikunda, abo yahamagaye nk’uko biri mu mugambi wayo.
Murondere kugira urukundo kandi mwipfuze cane kuronka ingabire za Mpwemu, na canecane ingabire y’ukuvugishwa n’Imana.
Nuko rero mwigane Imana, kuko muri abana bayo ikunda cane,
Mwirinde ntihagire uwusubiza inabi mugenziwe, ariko mugiriranire ubugwaneza muri mwebwe no ku bandi.
kandi akaba ashingirwa intahe ku bw’ibikorwa vyiwe vyiza nko kurera neza abana, kwakira abandi i muhira, kwoza ibirenge vy’abera, gufasha abari mu ngorane, ndetse akaba yariyeguriye gukora ibikorwa vyiza vy’ubwoko bwose.
Ni we yatwitangiye, araducungura kugira ngo tuve mu bubi bwacu bwose, atugira ubwoko bwejejwe yiharije, bufise ishaka ryo gukora ivyiza.
Mugenzi nkunda, ntukigane ibibi, ariko wigane ivyiza. Umuntu wese akora ivyiza ava ku Mana. Umuntu wese akora ibibi ntarabona Imana.