Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Petero 2:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Kuko Imana inezerezwa no kubona mukora ibigororotse kandi mwihanganira imibabaro iyo murenganywa muzira kuyubaha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Kukw igishimwa ar’ uk’ umuntu, namb’ ahanūwe n’ijwi ryo mu mutima gukora ivy’ Imana igomba, yokwihanganira imibabaro ahōwe ubusa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Petero 2:19
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nimwakunda ababakunda gusa, muzoba murushije iki abandi? Mbega abanyavyaha bo ntibakunda ababakunda?


Ivyo bazobibakorera kubera jewe, kuko batazi uwantumye.


Ashitseyo akibonerako ubuntu bw’Imana bwabaye kuri bo, aranezerwa cane, yongera arabinginga bose ngo bashishikare gukurikira Umwami n’imitima yabo yose.


Ni co gituma ubwirizwa kubumvira, atari mu ntumbero yo kugira ngo ntuhanwe, ariko kandi kubera ijwi ryo mu mutima ribidutegeka.


Ariko ndi uwo ndi kubera ubuntu bw’Imana, kandi ubwo buntu ntibwapfuye ubusa. Nakoze cane gusumba izindi ntumwa, ariko ntiyari jewe, bwari ubuntu bw’Imana bwakorera muri jewe.


Iki ni co twishimira: nk’uko umutima wacu ubishingira intahe, twigenjeje neza mw’isi, na canecane muri mwebwe, mu kwezwa no mu kuri biva ku Mana, turongowe n’ubuntu bw’Imana, atari ubwenge bw’abantu.


Bene Data, turashaka ko mumenya ubuntu Imana yagiriye amashengero y’i Makedoniya.


Ni co gituma ndiko ndababazwa uku. Ariko singira isoni kuko ndazi uwo nizeye, kandi sinkekeranya ko ashoboye kuzigama ico namubikije gushika ku musi w’ukugaruka kwiwe.


Iyo biba vyarashoboye gutunganya rwose abegera Imana bayisenga, vyari kuba vyarahagaritswe gutangwa kuko batari kuba bacumva ijwi ribagiriza icaha.


Kuko nimba mwihanganiye guhanwa muhorwa gucumura, n’irihe teka ivyo vyobatera? Ariko nimba mubabazwa muhorwa kuba mwakoze ivyiza hanyuma mukihanganira iyo mibabaro, Imana irabanezererwa.


Ntihakagire n’umwe muri mwebwe ababazwa ahorwa kuba umwicanyi, umusuma, guteza imigumuko, canke kwita mu vyo atajejwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ