Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Petero 1:23 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Ubu mwaravutse ubwa kabiri, ntimwavukiye ubuzima bw’akanya gato. Ubuzima bwanyu bushasha ni ubw’ibihe bidashira kuko buva ku mbuto itabora, ari ryo jambo rizima ry’Imana rihoraho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Kuko mwavyawe ubga kabiri, mutavyawe n’imbuto ibora, ariko mwavyawe n’imbuto itabora, mubiheshejwe n’ijambo ry’Imana ririho rigahoraho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Petero 1:23
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ijuru n’isi bizokurwaho, ariko amajambo yanje ntazokwigera akurwaho.


Iyi ni yo nsiguro y’uwu mugani: imbuto ni ijambo ry’Imana.


Abo ntibavyawe mu buryo busanzwe, biciye mu kwipfuza kw’umubiri canke mu gushaka kw’umugabo; ahubwo bavyawe n’Imana.


Imana ni we yakoresheje mu kurema vyose; mu vyaremwe vyose nta na kimwe Imana yaremye itamukoresheje.


Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kubona Ubwami bw’Imana, atavutse ubwa kabiri.”


Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kwinjira mu Bwami bw’Imana atavyawe n’amazi na Mpwemu.


Mpwemu w’Imana ni we atanga ubugingo, umuntu nta co yokwishoboza. Amajambo nababwiye arimwo impwemu kandi ni ubugingo.


Aho gusenga Imana y’icubahiro kandi idapfa, basenga ibishushanyo bibajwe bifise ishuho y’umuntu apfa, iy’inyoni, iy’ibikoko n’iy’ibikwega inda hasi.


Kuko ijambo ry’Imana ni rizima kandi ryuzuye ubushobozi. Rikarishe kurusha inkota y’ubugi bubiri; ririnjira rigashika aho rigabura umushaha n’impwemu, n’ingingo n’imisokoro. Rishira ahabona ivyipfuzo n’ivyiyumviro vy’umutima w’umuntu.


Yahisemwo kutuvyaza ijambo ry’ukuri, kugira ngo tube nk’ivyeze ubwa mbere mu vyo yaremye vyose.


ariko ijambo ry’Uhoraho ryo rihoraho ibihe vyose.” Kandi iryo jambo ni bwo Butumwa Bwiza mwabwiwe.


Amashimwe yose abe ay’Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, kuko ku bw’imbabazi zayo nyinshi, yaduhaye kuvuka ubwa kabiri, mu kuzura Yesu Kristo mu bapfuye. Ubu dufise ivyizigiro bizima


Nta muntu yavyawe n’Imana abandanya acumura, kuko afise imbuto y’Imana muri we. Ntashobora kubandanya acumura kuko Imana ari Se.


Turazi ko ata muntu yavyawe n’Imana abandanya gukora icaha, kuko Umwana w’Imana aramurinda, kandi wa mubi nta co ashobora kumukorako.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ