Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Petero 1:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 ahubwo ni amaraso y’igiciro kinini ya Kristo, Umwagazi w’intama w’Imana utagira icaha canke umugayo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 ariko mwacungujwe amaraso y’igiciro kinini, nk’ay’ umwagazi w’intama utagira agasembga cank’ ibara, ni yo ya Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Petero 1:19
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kuko n’Umwana w’Umuntu ntiyazanywe no gukorerwa, ahubwo yazanwe no gukorera abandi no gutanga ubuzima bwiwe ngo bube incungu ya benshi.”


Aya ni amaraso yanje y’isezerano asesekeye benshi ngo baharirwe ivyaha vyabo.


Ku musi ukurikira, Yohana abonye Yesu aje amutumbereye, aravuga ati: “Ng’uwu Umwagazi w’intama w’Imana, akura ivyaha vy’abari mw’isi.


Abonye Yesu arengana, aravuga ati: “Ng’uwu Umwagazi w’intama w’Imana!”


Nuko rero mwirinde mwebwe ubwanyu mwongere murinde n’ubusho Mpwemu Yera yabahaye ngo mububere abungere. Muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso y’umwana wayo.


Imana yamutanze kugira ngo abe ikimazi, atange amaraso yiwe abe impongano y’ivyaha vy’uwo wese yemeye kumwizera. Imana yabikoze gutyo kugira ngo yerekane ukugororoka kwayo, kuko yihanganiye abantu ntiyabahanira ibigabitanyo bakoze muri kahise.


Muri we ni ho twaherewe ugucungurwa biciye mu maraso yiwe, ni kwo guharirwa ivyaha vyacu, kubera ubuntu bwayo bwinshi!


Muri we ni ho twaherewe ugucungurwa, ari kwo guharirwa ivyaha.


Imana Data yabamenye kuva kera irabatoranya, Mpwemu wayo arabeza kugira ngo mwumvire Yesu Kristo mwogejwe n’amaraso yiwe: Ubuntu n’amahoro bibe muri mwebwe bisesekaye.


Kuko na Kristo yababarijwe ivyaha vyacu rimwe gusa, uwutagira icaha apfira abanyavyaha, kugira ngo abahuze n’Imana. Mu mubiri yarishwe, ariko Mpwemu Yera amusubiza ubugingo.


Ariko nimba tugendera mu muco, nk’uko Imana na yo iri mu muco, aho tuba dufatanije, kandi amaraso ya Yesu, Umwana wayo, atwoza ivyaha vyose.


Kuko Kristo ubwiwe yitanze nk’ikimazi kugira ngo duharirwe ivyaha vyacu, kandi si ivyacu gusa, ahubwo ni ivy’abari mw’isi bose.


no kuri Yesu Kristo we cabona co kwizigirwa, imfura mu bapfuye, umutware aganza abami bo kw’isi bose, bibane namwe. Icubahiro cose kibe ic’uwadukunze, akatubohora mu vyaha vyacu abanje gusesa amaraso yiwe.


Hanyuma nca mbona Umwagazi w’intama ahagaze ku musozi Siyoni, ari kumwe n’abantu ibihumbi ijana na mirongo ine na bine bari banditseko izina ryiwe n’irya Se mu ruhanga.


Nta bubeshi bwava mu kanwa kabo kandi ntibagira umugayo.


Nuko mbona Umwagazi w’Intama, usa n’uwishwe, uhagaze hambavu ya ya ntebe y’inganji, ukikujwe na vya binyabugingo bine na ba bashingantahe. Wari ufise amahembe indwi n’amaso indwi. Ayo maso ni zo mpwemu indwi Imana yarungitse mw’isi yose.


Baca baririmba indirimbo nsha, bavuga bati: “Urabereye kwakira uwo muzingo w’igitabu no kumena ibiwumatanije, kuko wishwe, amaraso yawe agacungurira Imana abantu bavuye mu miryango yose, mu ndimi zose, mu bwoko bwose no mu mahanga yose.


Nca ndamwishura nti: “Nyakwubahwa, ni we wobimenya.” Aca avuga ati: “Aba ni abavuye muri rya hamwa rikomeye, bamesuye amakanzu yabo, bayezesha amaraso ya wa Mwagazi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ