Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 9:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Mbega sinemerewe kubana n’umugore yizera nk’uko izindi ntumwa, abavukanyi b’Umwami Yesu Kristo na Kefa babigira?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ntitwokwemerewe kujana abagore bacu ari bene Data nk’ukw izindi ntumwa zikora, na bene nyina w’Umwami wacu, na Kefa?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 9:5
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mbega uwu si wa muhungu w’umubaji? Nyina ntiyitwa Mariya; abo bavukana si Yakobo, Yosefu, Simoni na Yuda?


Yesu aca aja i muhira kwa Petero, asanga inabukwe wa Petero ari mu buriri, arwaye kandi ashushe cane.


Bahashitse, baca babwira Yesu ko inabukwe wa Simoni ari mu buriri, arwaye kandi ashushe cane.


Mbega uwu si wa mubaji, nyina si Mariya, abo bavukana si Yakobo, Yosefu, Yuda na Simoni? Bashiki biwe si ababanyi bacu?” Maze ivyo birabatsitaza, bituma batamwizera.


Matayo, Toma, Yakobo mwene Alufayo, Simoni Umuzelote,


Umuntu umwe aca amubwira ati: “Nyoko na bene nyoko bahagaze hanze, bariko barakurondera.”


Maze aca amuzana aho Yesu ari. Nuko Yesu yihweza Petero, aramubwira ati: “Uri Simoni mwene Yohana, ariko ugiye kwitwa Kefa” (bisigura Petero).


Hanyuma y’ivyo, Yesu aja i Kaperinawumu ari kumwe na nyina, na bene nyina n’abigishwa biwe, bahamara imisi mike.


Bose bakoranira hamwe bahuje umutima n’inama mu masengesho, bari kumwe na Mariya nyina wa Yesu n’abandi bagore, hamwe na bene nyina ba Yesu.


Ndafise ivyiza mvuga kuri mwene Data Foyibe, umudiyakonikazi mu rusengero rw’i Kenkireya.


Ico ngomba kuvuga ni iki: umwe muri mwebwe avuga ngo: “Jewe ndi umwigishwa wa Pawulo”; uwundi na we ati: “Jewe ndi umwigishwa wa Apolo”; uwundi na we ati: “Jewe ndi uwa Kefa”; hakaba n’uwundi avuga ati: “Jeho ndi umwigishwa wa Kristo gusa.”


Ariko umugabo atizera canke umugore atizera agomvye kwigira, mumureke yigire. Muri ico gihe uwo mugabo canke uwo umugore yizera ntaba akibohewe ku wo bubakanye atizera, kuko Imana yaduhamagariye kuba mu mahoro.


Umugore aba abohewe ku mugabo iyo akiriho. Ariko umugabo amaze gupfa, umugore aba afise uburenganzira bwo kurongorwa n’uwo ashaka, mu gihe uwo mugabo yubaha Imana.


Ico nipfuza ni uko abantu bose boba nkanje. Ariko umuntu wese afise ingabire yisangije yahawe n’Imana; umwe agira ingabire kanaka, uwundi akagira iyindi.


Abatubatse n’abapfakaye bakwiye kuguma uko bari, nk’uko nanje ndi.


Nta yindi ntumwa twabonanye, kiretse Yakobo mwene nyina w’Umwami wacu.


Umurongozi akwiye kuba inyankamugayo, umugabo afise umugore umwe, atekereje, aganza ingeso ziwe, yubahwa, yakira abantu, kandi ashoboye kwigisha,


Babuza abantu kurongora, bakabategeka kutarya imfungurwa zimwezimwe, izo Imana yaremye kugira ngo abizeye bakamenya ukuri bazifungure bashima.


abatamakazi ubafate nk’abavyeyi bawe, abagore bakiri bato ubafate nka bashiki bawe, kandi ubikore mu kwera kwose.


Umurongozi w’ishengero ategerezwa kuba inyankamugayo, umugabo afise umugore umwe, abana biwe bizera kandi batazwi nk’abigenza nabi canke abagarariji.


Ukwubakana kwubahirizwe na bose, kandi ntihakagire icanduza uburiri bw’abubakanye; kuko Imana izocira urubanza abagendera mu bushakanyi no mu busambanyi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ