Nababwiye ko bitari mu migenzo y’Abaroma gucira urubanza umuntu adahawe umwanya wo kuburana n’abamwitwariye ngo aronke akaryo ko kwiregura ku vyo bamwagiriza.
Nimba muri mwebwe hari uwibwira ko ari umuvugishwa n’Imana canke afise ingabire za Mpwemu Yera, akwiye kwemera ko ivyo ndabandikiye ari ibwirizwa rivuye ku Mwami Imana.
Ni co gituma ndabandikira ibi tutari kumwe, kugira ngo ninaza sinze ndabakarire mu bubasha nahawe n’Umwami, kuko ari ububasha bwo kubakomeza atari ubwo kubasambura.
Mwisuzume kugira ngo mumenye ko muhagaze mu kwizera. Nimube ari mwebwe mwisuzuma. Musanzwe muzi ko Yesu Kristo ari muri mwebwe: atari uko, muzoba mwananiwe no kwisuzuma.