Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 9:23 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Ibi vyose ndabikora kugira Ubutumwa Bwiza bukwire hose, maze nanje nze mpabwe imigisha ijana na bwo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Kand’ ivyo vyose mbikora kubg’ ubutumwa bgiza, kugira ngo mfatanye n’abandi muri bgo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 9:23
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko uwugomba gukiza ubugingo bwiwe, azobubura. Ariko uwubuheba ku bwanje no ku bw’Ubutumwa Bwiza, azobukiza.


Mwebwe abanyamahanga, mugereranywa n’amashami y’igiti c’umwelayo wo mw’ishamba, yatewe ku giti c’umwelayo wo mu murima. Mwasubiriye amwe mu mashami yaco yaciwe, muca musangira n’ayasigaye ingaburo iva mu mizi y’uwo mwelayo w’umurimano.


Nimba abandi babigisha bafise uburenganzira bwo kuronka ibibabeshaho muri mwebwe, mbega twebwe ntitwari dukwiye kuronka ibirenze? Ariko ntitwigeze duharanira ubwo burenganzira. Ahubwo turimenya muri vyose kugira ntitube inzitizi ku Butumwa Bwiza bwa Kristo.


Ku banyantegenke nigize umunyantege nke kugira ngo nzane abanyantegenke kuri Kristo. Nabaye vyose kuri bose kugira nkore ibishoboka vyose kugira ngo hagire bamwe muri bo bakizwa.


Ntimuzi ko mw’ihiganwa hiruka benshi, ariko uwuhabwa umudari akaba umwe? Nuko rero muhiganwe nk’abazohabwa umudari.


Nabandikiye mfise agahinda n’umubabaro mwinshi bivanze n’amarira, ntipfuza kubatera imibabaro, ariko nipfuza ko mumenya urukundo rwinshi ndabakunda.


Ntitwigeze tubibemerera n’akanya isase, kugira ngo ukuri kw’Ubutumwa Bwiza kuzigamwe ku bwanyu.


Ni co gituma nihanganira vyose ku bw’abatoranijwe, kugira ngo na bo baronke agakiza kari muri Kristo Yesu, hamwe n’ubwiza butazoshira.


Uwaruhiye kw’isuka ni we yari akwiye kuba uwa mbere mu kurya ivyeze vyo mu mwimbu wiwe.


Nuko rero bene Data, mwebwe mwahamagawe n’Imana, mwiyumvire cane kuri uwu Yesu, uwo twemera nk’intumwa n’Umuherezi Mukuru wacu.


Kuko twahindutse abafatanije na Kristo, nimba vy’ukuri tuzigamye, gushitsa kw’iherezo, ivyizigiro bishikamye nk’ivyo twatanguranye.


Abarongozi b’ishengero bari muri mwebwe ndabinginga nk’umwe mu bo basangiye igikorwa, nkaba n’icabona c’imibabaro ya Kristo kandi nkaba niteze kuzosangira na we ubwiza buzohishurwa:


Ivyo tubabwira ni ivyo twabonye kandi twumvise, kugira ngo mufatanye natwe. Twebwe dufatanije na Data n’Umwana wiwe, Yesu Kristo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ