Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 9:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Mvuze ubutumwa bivuye ku mutima ubikunze, ndonka impera. Ariko ndabuvuze umutima utabikunze, kuba ari ukwikurayo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Ngenjeje ntyo mbikunze, ndagererwa; ariko ngenjeje ntyo ntabikunze na ho nyene ngōbērwa n’ububgiriza nizigiweko.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 9:17
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umuntu wese yakiriye umuvugishwa kuko ari umuvugishwa w’Imana, azohabwa ingero ihwanye n’iy’umuvugishwa. Kandi umuntu azokwakira umugororotsi w’Imana kuko agororotse, azohabwa ingero nk’iy’umugororotsi.


Ehe raba ndabibabwiye imbere y’uko bishika.


Umwami Yesu aramwishura ati: “Mbega umunyabigega w’umwizigirwa kandi w’umunyabwenge ni nde? Ni uwo shebuja ashobora guha ubukuru bwo kuganza abandi bakozi no kubagaburira mu gihe gikwiye.


N’ubu, uwimbura ariko arahabwa impembo yiwe kandi ariko aregeraniriza ivyimburwa mu bugingo budashira, kugira ngo uwubiba n’uwimbura bazonezeranwe.


Uwubiba n’uwuvomera bompi bafise intumbero imwe, kandi umwe wese azoherwa impera ku gikorwa yakoze,


Nuko rero mwese mudufate nk’abakozi ba Kristo, abo Imana yajeje kumenyekanisha amabanga yayo yahishuye.


Ariko iyo mvuze ubutumwa, sinshobora kuvyirata kuko mba nshikije itegeko ry’Imana. Noba ngowe ntavuze ubutumwa bwiza.


Mbega impera yanje ni iyihe? Ni uko mvuga Ubutumwa Bwiza ata we ndemereye, ntahagaze ku burenganzira nari mfise nk’umuvugabutumwa.


Kuko iyo umuntu afise umutima wo gutanga, Imana ntiyakira ico adafise, ahubwo yakira ico afise.


Ahubwo, batahuye ko nahawe igikorwa co kuvuga Ubutumwa Bwiza mu batakebwe, nk’uko Petero na we yahawe ico gikorwa mu bakebwe.


Nahindutse umukozi waryo kubera igikorwa Imana yanjeje muri mwebwe co kubashikiriza ijambo ryayo ryuzuye.


Ariko, twabigisha nk’abantu bemewe n’Imana ikongera ikabazeza kuvuga Ubutumwa Bwiza. Ntituriko tugerageza kunezereza abantu, ariko dushaka kunezereza Imana, kuko ari yo isuzuma ivyiyumviro biri mu mitima yacu.


Ariko sinashatse kugira ico nkoze ntakugishije inama, kugira ngo iciza cose wonkorera ugikore bivuye ku mutima, ata gahato.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ