Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 9:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Ariko sinigeze ngwanira na kimwe muri ibi nari nemerewe, kandi sindabandikiye iri kete kugira ngo mutangure kumpa ibimbeshaho. Nopfuma mpfa hako ntakaza ibi vyirato vyo kuvuga ubutumwa ata we ndemereye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Ariko jewe ubganje nta co narwaniye mur’ ivyo: kandi sinandikiye ivyo kugira ngo nkorerwe ntyo. Ivyoba vyiza n’uko nopfuma mpfa, hak’ umuntu ahindura ubusa ivyo vyirato vyanje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 9:15
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nihagira umuntu atuma umwe muri aba bato banyizera acumura, ikimukwiye ni uko yoboherwa urusyo kw’izosi, agakororerwa i bwina mu kiyaga.


Kubera ko bari basangiye umwuga wo kujisha amahema, yaciye abana na bo, barakorana.


Ariko mbona ko ubuzima bwanje ata co bwoba bumaze hamwe ntorangiza urugendo, ngansozera igikorwa Umwami Yesu yanshinze co kubwira abantu Ubutumwa Bwiza bw’ubuntu bw’Imana.


Sinigeze nipfuza ifeza, inzahabu canke impuzu vy’umuntu n’umwe.


Namwe ubwanyu murazi ko nakoresheje amaboko yanje nkibeshaho nkongera nkabeshaho n’abo twagendana.


Ariko Sawuli we agerageza gusambura ishengero; yinjira mu nzu ku yindi agafata abagabo n’abagore bizera, akabata mw’ibohero.


Dukoresha amaboko yacu tukaruha kugira ngo turonke ibidutunga. Duhezagira abatuvuma, tukihanganira guhamwa.


Nimba abandi babigisha bafise uburenganzira bwo kuronka ibibabeshaho muri mwebwe, mbega twebwe ntitwari dukwiye kuronka ibirenze? Ariko ntitwigeze duharanira ubwo burenganzira. Ahubwo turimenya muri vyose kugira ntitube inzitizi ku Butumwa Bwiza bwa Kristo.


Mbega impera yanje ni iyihe? Ni uko mvuga Ubutumwa Bwiza ata we ndemereye, ntahagaze ku burenganzira nari mfise nk’umuvugabutumwa.


Nta nkeka, bene Data, ko mwibuka uburuhe n’ukubabazwa vyacu; ingene twakora ijoro n’umurango kugira ngo ntihagire umuntu n’umwe turemera igihe twariko tubabwira Ubutumwa Bwiza bw’Imana.


kandi nta we twigeze turya ivyokurya tutabiguze. Ahubwo twakora ijoro n’umurango, tukaruha, tukabira icuya kugira ngo ntihagire uwo turemera muri mwebwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ