Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 8:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ariko mube maso kugira ngo umwidegemvyo wanyu ntube igitsitaza ku banyantegenke.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Mwiyubare, kugira ng’ ubgo bushobozi bganyu bgoye kuba igitsitaza c’abadakomeye na gato.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 8:9
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mwirinde ntimugakengere umuntu n’umwe muri aba bato, kuko ndababwira yuko abamarayika babo bama bahanze amaso Data wo mw’ijuru. [


Twebwe abakomeye mu kwizera dukwiye kwihanganira abadakomeye mu kwizera, ntiturondere ibitunezereza gusa.


Ntihakagire uwurondera ineza yiwe gusa, ariko twiteho no kugirira abandi neza.


Ariko niyakubwira ati: “Ibi vyashikaniwe ibigirwamana,” ntuzobirye ku bw’ineza y’uwo munyantegenke yabikubwiye, kugira ngo ntagire ijwi rimwagiriza mu mutima.


Nta co bitwaye kuri mwebwe, ariko hari ico vyica kuri uwo yabibabwiye. Umwidegemvyo wanje ntukwiye kuba igitsitaza ku bandi.


Ntihakagire uwo mutsitaza, yaba Umuyuda canke Umugiriki, canke abo mw’ishengero ry’Imana.


Mbega umuntu w’umunyantege nke niyabona wewe umusumvya ugutahura uriko ararya ivyo mu nzu y’ibigirwamana, ntibizotuma abirya na we kubera intege nke ziwe?


Mucumuye kuri bene Data muri ubwo buryo, muba mucumuye kuri Kristo.


Ku banyantegenke nigize umunyantege nke kugira ngo nzane abanyantegenke kuri Kristo. Nabaye vyose kuri bose kugira nkore ibishoboka vyose kugira ngo hagire bamwe muri bo bakizwa.


Numva mfise isoni zo kubabwira ko umenga twagize intege nke muri mwebwe, kubona tutigenjeje gutyo! Ariko nimba hari uwufise ico yokwubahuka kwirata, nanje ndagifise (ndabivugishijwe n’ubupfu).


Iyo hagize uwuja mu ntege nke, nanje numva intege nke. Iyo hagize uwugwa numva umubabaro utovugwa.


Twirinda kugira uwo tubera igitsitaza kugira ngo igikorwa cacu ntikigawe.


Bene Data, mwebwe mwahamagariwe kwidegemvya. Ariko uwo mwidegemvyo ntubatere kurondera guhaza ivyipfuzo vya kamere k’icaha. Ahubwo urukundo rukwiye gutuma mukorera bagenzi banyu.


Mwirinde ntihagire umuntu n’umwe abagira inyagano akoresheje amajambo y’uruhendo, yubakiye ku migenzo y’abantu hamwe n’ivya mbere vy’impwemu kandi vy’iyi si, ariko atari ivya Kristo.


Mubeho mu mwidegemvyo, ariko uwo mwidegemvyo wanyu ntube uwo guhisha ububi; ahubwo mubeho nk’abeguriwe Imana.


Babasezeranira umwidegemvyo, ariko na bo ubwabo bakiri abagurano b’ivyonona (kuko umuntu wese ni umugurano w’ikimuganza ico ari co cose).


Ariko ico nkugaya ni uko hari bamwe muri mwebwe bagikurikira inyigisho za Balamu, uwatumye Balaki kugwisha Abisirayeli mu vyaha, bakarya ivyaterekerewe ibigirwamana bagakora n’ivyaha vy’ubusambanyi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ