Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 8:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Ni co gituma, nimba ivyokurya vyotuma mwene Data akora icaha, sinzokwigera ndya inyama kugira ngo sintume atsitara akagwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Ni co gituma namb’ ivyo kurya bigwisha mwene Data, sinzopfa nongeye kurya inyama kugira ngo singwishe mwene Data.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 8:13
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko, kugira ngo ntituboneke nabi imbere y’aba batoza iri kori, genda ku kiyaga utere igera urobe. Ifi ya mbere uza kuroba, uyasamike; maze urayisangamwo igiceri kinini c’ifeza coriha ikori ryawe n’iryanje, uheze ugitange.”


Ahubwo dukwiye kubandikira, tukabwira ko bokwirinda kurya ivyaterekerewe ibigirwamana, bakirinda ingeso mbi z’ubusambanyi, kutarya ibikoko vyanizwe, n’amaraso.


Twirinde rero guciranira imanza. Ahubwo, twigire inama yo kutagira ikintu na kimwe dukora cotsitaza canke kikagwisha mu caha mwene Data wundi.


Ni vyiza kutarya inyama canke kutanywa umuvinyu canke kudakora ikindi kintu na kimwe cotuma mwene Data wundi agwa mu caha.


Ntihakagire uwo mutsitaza, yaba Umuyuda canke Umugiriki, canke abo mw’ishengero ry’Imana.


Na jewe ngerageza kunezereza bose mu vyo nkora vyose. Simpfa gukora ibimpimbara, ariko nkora ibihimbara abandi kugira benshi bashike ku gakiza.


Ruriyoroheje, ntirurondera inyungu zarwo, ntirutwarwa n’ishavu, kandi ntirubika ikibi.


Hari uwuvuga ati: “Vyose ndavyemerewe.” Ni vyo, ariko si vyose bingirira akamaro. Naho vyose ndavyemerewe, sinemera kuganzwa n’ikintu na kimwe.


Nimba abandi babigisha bafise uburenganzira bwo kuronka ibibabeshaho muri mwebwe, mbega twebwe ntitwari dukwiye kuronka ibirenze? Ariko ntitwigeze duharanira ubwo burenganzira. Ahubwo turimenya muri vyose kugira ntitube inzitizi ku Butumwa Bwiza bwa Kristo.


Iyo hagize uwuja mu ntege nke, nanje numva intege nke. Iyo hagize uwugwa numva umubabaro utovugwa.


Twirinda kugira uwo tubera igitsitaza kugira ngo igikorwa cacu ntikigawe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ