Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 7:35 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

35 Ibi ndiko ndabivuga ku neza yanyu, sindiko ndabaremereza amategeko. Nshaka ko mukora ikiborohereza gukorera neza Umwami ata bibasamaza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

35 Ivyo mbivugiye kubafasha, s’ukubashira mu mpururu, ariko n’ukubiroranya, no kugira ngo mukorere Umwami wacu, mudafise imitima ibiri.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 7:35
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko hariho bamwe bavutse ari inkone, hari n’ababaye inkone babigizwe n’abandi, hakaba rero n’abahisemwo kutarongora kubera Ubwami bw’ijuru. Uwushobora kuvyemera avyemere.”


Hanyuma Abafarisayo barakorana barondera ingene bomutegera ku majambo avuga.


Mwiyubare, imitima yanyu ntiremerwe n’akaborerwe hamwe n’ibihimbaro bijanye na ko, canke imyitwarariko y’ivy’ubu buzima, kugira ngo uwo musi ntuze ubashikeko giturumbuka,


Hari n’abameze nk’isi yamezeko amahwa. Abo na bo bagiheza kwumva ijambo ry’Imana, imyitwarariko y’ivy’ubu buzima, ubutunzi n’ibihimbaro vy’iyi si biraza bikanyoha icatewe muri bo, hanyuma bikababuza gukura mu vy’impwemu.


Ariko kubera ubusambanyi buhari, umugabo wese akwiye kugira umugore wiwe, kandi umugore wese akwiye kugira umugabo wiwe.


Urongoye nta caha uba ukoze, kandi inkumi irongowe, nta caha iba ikoze. Ariko abarongora bazobona amakuba menshi muri buno buzima, nanje nshaka kuyabarinda.


None rero, umusore niyaba yipfuza cane umukobwa bazokwubakana, agatinya ko azohava amukorera ibidakwiye kuko vyanse ko yihangana, namurongore nk’uko avyipfuza, nta caha azoba akoze.


Ariko muri mwebwe ntihabemwo ubusambanyi, canke ukwipfuza ukwo ari kwo kwose, canke ubukunzi bw’inda, kuko bidakwiye ku bera b’Imana.


Ibisigaye bene Data, mushire ivyiyumviro vyanyu ku vy’ukuri vyose, ivy’ukwubahwa vyose, ivy’ukugororoka vyose, ibitunganye vyose, ivy’igikundiro vyose, ibishimwa vyose. Ivyo abe ari vyo mwiyumvira.


abasambanyi n’abahuza ibitsina kandi babisangiye, abadandaza abagurano, ababeshi, abarahira nabi, canke abakora ibindi vyose bidahwanye n’inyigisho z’ukuri


Abatamakazi na bo ubigishe kubaho batinya Imana, kutavuga abandi nabi kandi bataboshwe no gukunda umuvinyu, ariko bigishe abandi gukora ivyiza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ