Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Korinto 7:25 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Ku vyerekeye abatararongorwa, nta bwirizwa nahawe n’Umwami, ariko ndababwira ico niyumvira nk’umuntu w’umwizigirwa yagiriwe ubuntu n’Umwami.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Ku vy’ inkumi, simfise icagezwe n’Umwami wacu; ariko ndababgira ivyo niyumvira, nk’umuntu yagiriwe ikigongwe n’Umwami, ngo mbe umwizigirwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Korinto 7:25
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko ndi uwo ndi kubera ubuntu bw’Imana, kandi ubwo buntu ntibwapfuye ubusa. Nakoze cane gusumba izindi ntumwa, ariko ntiyari jewe, bwari ubuntu bw’Imana bwakorera muri jewe.


Iyo umukozi ajejwe ibintu, ico asabwa ni ukuba umwizigirwa.


Ku bubatse, ntanze iri tegeko, ritavuye kuri jewe ariko rivuye ku Mwami Imana: umugore ntakahukane n’umugabo wiwe.


Abandi na bo, ibi ni vyo ndababwira, ariko ni jewe ubwanje, si Umwami Imana: mwene Data niyaba afise umugore atizera hanyuma uwo mugore agashaka kugumana na we, ntaze amwirukane.


Urongoye nta caha uba ukoze, kandi inkumi irongowe, nta caha iba ikoze. Ariko abarongora bazobona amakuba menshi muri buno buzima, nanje nshaka kuyabarinda.


Imyitwarariko yiwe igabuwemwo kubiri. Umugore canke inkumi itarongowe yitwararika ibikorwa vy’Umwami. Yihebera Umwami mu mubiri no mu mpwemu. Ariko uwarongowe yitwararika ivy’ino si, arondera ingene yonezereza umugabo wiwe.


Ariko jewe niyumvira ko yonezerwa gusumba agumye uko yari ari, kandi nanje ndabahaye iyi mpanuro ndongowe na Mpwemu w’Imana.


Ibi ndabibabwiye nk’impanuro si itegeko ndabahaye.


Mu kwirata gutya sindiko mvuga nk’uko Umwami Yesu yovuga, ahubwo mvuze nk’igipfu.


Twebwe ntituvuga ijambo ry’Imana turondera inyungu nk’uko benshi babigira. Ahubwo muri Kristo tuvuga ukuri kwo mu mitima yacu turi imbere y’Imana, nk’abatumwe na yo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ